Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Britney Spears: Se yasavye guhagarika guhagararira inyungu ziwe zose
Se wa Britney Spears yatanze impapuro muri sentare ya Los Angeles asaba kurangiza ubuhagarikizi yari amazemwo imyaka 13 bwatuma akurikirana ubuzima n'amatungo vy'umukobwa wiwe.
Jamie Spears yanditse ko Britney "afise uburenganzira ko iyo sentare yokwihweza yitonze ko ubwo buhagarikizi butagikenewe".
Britney yaragerageje kumwaka ubwo burenganzira incuro zibiri zose mu myaka ibiri iheze.
Uwo muririmvyi rurangiranwa wa Pop yavuga ko imigenderanire bafitaniye yari iyo "agacinyizo" aranahagarika kuremesha ibiteramo igihe yari akimuhagarariye.
Se wiwe yandikiye sentare inyuma y'amezi abiri uwo muririmvyi afata ibiyayuramutwe atangiye ubuhamya bukarishe muri sentare, asaba ko ubwo buhagarikizi burangira vuba na bwangu.
Muri izo mpapuro zarungikiwe sentare nkuru ya Los Angeles handitswe ngo:" Ibiherutse kuvuga kuri ubwo buhagarikizi bwazanye ikibazo co kumenya nimba icatumye buhaba carahindutse ku buryo bitagikenewe ko bubandanya?"
Urwo rwandiko rurabandanya, avuga ko umukobwa wiwe yipfuza kwikurikiranira ibibazo vyo kwa muganga hamwe n'ivyerekeye amahera.
Rubandanya rugira ruti "Nk'uko Spears atahengeshanije kubivuga, ico ashaka gusa n'icobera ciza umukobwa wiwe."
"Niyaba Britney Spears ashaka kurangiza ubwo buhagariki kandi akaba yumva ko ashobora ashobora gufata mu minwe ivyerekeye ubuzima bwiwe, se wiwe Spears avuga ko akwiye guhabwa ayo mahirwe."
Britney Spears yigeze kuvuga ko se wiwe amufata nabi cane kandi ko yigeze kumutera ubwoba ko azomubuza kuraba abana biwe mu gihe atokwemera ivyo amusaba.
Mu kwezi kw'indwi, yabwiye umucamanza ko yipfuza kwitwarira se wiwe, w'imyaka 69, ko yakoresheje nabi ububasha bwo guhagarikira inyungu ziwe.
Twashitse aha gute?
Ubuhagarikizi bwategetswe gushirwaho mu 2008 igihe hari amakenga ku magara yo mu mutwe y'uwo muririmvyi.
Sentare yahaye uburenganzire Jamie Spears kugenzura inzu y'umukobwa iwe hamwe n'ibindi bintu bijanye n'ubuzima bwiwe.
Ubwo buhagarikizi bwari mu bice bibiri. Kimwe kubijanye n'inzu hamwe n'amahera, ikindi cerekeye umukobwa wiwe ubwiwe nk'umuntu.
Spears yatanze imihoho mu bijanye no gukurikirana umukobwa wiwe mu 2019 kubera ubugwayi yari afise, ariko abandanya kuraba ivyerekeye ibikorwa vyiwe bimwinjiriza amahera.