Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
BBC Umunonotsi wa Afrika 2021: Chistine Mboma
Umunye-Namibiakazi ahiganwa mu kwiruka Christine Mboma niwe yatowe nk'umunonotsi w'umunye-Afrika yenuriye abandi mu mwaka wa 2021 mw'ihiganwa rya BBC.
Uwo munonotsi w'imyaka 18 yabaye umunye Namibia wambere w'umugore, yatsindiye umudari wa Olempike igihe yatahukana umudari w'inzahabu mw'ihiganwa ryo kwiruka imetero 200, ryari ryuzuyemwo barurangiranwa.
Yabwiye BBC Sport Africa ati: "Numva merewe neza kandi mpimbawe kuba ndi umunye-Namibia.
"Aka gashimwe ka BBC ndagatuye abanye-Namibia bose. Iyi ni impembo y'akazi gakomeye nakoze."
Mboma yarushije abanonotsi b'abanye-Kenya Eliud Kipchoge na Faith Kipyegon, umunye-Afrika y'epfo ahiganwa mu bagendana n'ubumuga Ntando Mahlangu, umunye-Senegal w'umunye-goli Edouard Mendy hamwe n'umunye-Afrika y'epfo ahiganwa mu kwoga Tatjana Schoenmaker mu gutsindira aka agashimwe.
Abaye umunonotsi w'umunye-Namibia agira kabiri atewe iteka nk'iri, nyuma y'uwahiganwa mu kwiruka banyaruka Frankie Fredericks, yatsindiye ishimwe BBC African Sports Star of the Year (umunonotsi w'icamamare kurusha abandi w'umunye-Afrika mu mwaka) mu 1993.
Ako gashimwe mu nyuma kahindutse BBC African Footballer of the Year (umukinyi w'umupira w'amaguru w'umunye-Afrika yenuriye abandi mu mwaka) kuva mu 2001 gushika mu 2018.
Ico gihe niho BBC yahindura aka gashimwe kagasubira ku ntumbero yako yo mu ntango mu guha agaciro inkino n'amahiganwa bitandukanye.
Amaze kumenya ko ari we yatahukanye agashimwe k'uno mwaka yagize ati "Ni vyiza igihe cose iyo nshize igihugu canje mu kibanza co hejuru. Nama ntera iteka igihugu canje kandi ndashimira abanye-Namibia bose bantoye. Baraza kunezerwa birenze nibamenya ko ari jewe natsinze".
Kiretse umudari wa Olempike yatsindiye, Mboma yanatahukanye intsinzi mw'ihiganwa Diamond League hamwe no mu batarenza imyaka 20 mu kuronka umudari w'inzahabu ku metero 200, anesa umuhigo w'isi w'abatarenza imyaka 20 muri ubwo burebure nyene kenshi mu mwaka uheze.
Iyo myanya yose yo kunyaruka cane yayishitseko nyuma y'aho Mboma aburijwe kwiruka imetero 400, muri mukakaro (ukwezi kw'indwi), bamaze kumusangamwo inkabuzo za kigabo (testosterone) z'umurengera.
Urwego rw'isi rujejwe inkino zo kunonora imitsi, World Athletics, ruhagarika guhiganwa abanonotsi bose bavukanye testosterone nyinshi, mu burebure buri hagati y'imetero 400 hamwe na Km 1.600, rukavuga ko iyo testosterone iha abo banonotsi amahirwe atabereye.
Avuga ati: "Numvise mbabaye cane ariko sinahevye. Sinaziga [yuko igice canyuma c'umwaka wa 2021 cari kugenda neza cane] nyuma y'ivyabaye ariko ndashima cane kubera ivyo nashoboye gushikako. Vyari bigoye cane.
"Ivyo nashitseko bizoha ingoga abanonotsi bakiri bato muri Afrika, no ngaha muri Namibia, bagerageze gukora uko bashoboye kugira bashike ku ndoto zabo."