Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ukraine: Ku musi w’intsinzi, hari ubwoba ko Russia ishobora gutangaza intambara yeruye
Uburusiya buvuga ko abibaza ko bushobora gutangaza intambara yeruye na Ukraine kuri uno musi w'intsinzi ari ivyiyumviro bidafise ishingiro.
Uyu musi iki gihugu gihimbaza intsinzi yaco ku ba Nazi b'Abadagi mu 1945, abenshi bakagenda berekana amasanamu y'incuti zabo zarwanye iyo ntambara.
Gushika ubu, Moscou iracahakana ko iri mu ntambara, ahubwo ikavuga ko iki gitero muri Ukrane ari "igikorwa kidasanzwe ca gisirikare".
Ariko abategetsi bo mu bihugu vy'Uburengero babona ko Perezida Vladimir Putin ashobora gukoresha idefire y'uno musi agatangaza intambara yeruye.
Gusa gushika ubu aracarigumije, abantu bakaba biteze ko ashobora kurishira ahabona mw'ijambo aza gushikiriza mw'idefire ibera mu Kibanza Gitukura (Place rouge/Red Square), bakabandanya bafise amakenga.
Aha ntibibagira ingene imbere y'uko atanguza intambara ku wa 24 Ruhuhuma (2), abategetsi b'Uburusiya baguma batera agashinyaguro ibihugu vy'Uburengero vyaguma bimenyesha ko ico gihugu kiri mu gutanguza intambara.
Ico gihe bavuga ko bwari "ubwoba burangwa mu bihugu vya Bulaya hamwe na propaganda". Uburusiya ariko bwahise butera ico gihugu, mbere abanya Ukraine benshi bakaba baguye mu gahundwe.
Rero mu bintu bike vyitezwe ko ashikiriza ni amajambo amwe amwe y'intsinzi amaze gushikako mu ntego yari afise hamwe no kuvuga ko abansi baneshejwe.
Ibihugu vyo mu Burengero kandi vyitezwe kugabishwa ku mfashanyo yavyo biha Ukraine, Putin akavyagiriza ko ari vyo bituma ata kiboneka ashikako mu ntambara y'Uburusiya mu ntara ya Donbas.
Uyu musi w'intsinzi mu Burusiya usigura iki?
Ni wo musi wa mbere ukomeye uhimbazwa mu gihugu aho bibuka intsinzi y'icahoze ari Reta Zunze Ubumwe z'Abasoviyeti ku ba Nazi b'Abadagi.
Ibirori vyitezwe gutangura umwanya n'umwanya, Perezida Putin akaba yitezwe kugerageza guhamagarira abanyagihugu gufata mu mugongo iyi ntambara ya Ukraine.
Ku ntwaro ya Vladimir Putin, Umusi w'Intsinzi wagiye uba uwo kwerekanirako inguvu n'ibikoresho rutura vya gisirikare, hamwe no kwibuka abatanze ubuzima bwabo mu ntambara ya kabiri y'isi yose.
Abasoviyeti bababa imiriyoni 27 baraguye muri iyo ntambara, gushika ubu iki kikaba ari co gitigiri kinini c'abahitanywe n'intambara kw'isi yose mu gihugu ico ari co cose.
Mu birori vy'uno musi, Uburusiya bwitezwe kwerekana ibihumbi n'ibihumbi vy'ingabo, ibifaru, vya muzinga na za misire zirasa kure biza kuzunguruka mu gisagara ca Moscow mu kwerekana inguvu za Kremlin.
Ariko ibirori vy'uno musi bifise iyindi nsiguro mu gihe Uburusiya bumaze amezi atatu mu ntambara n'igihugu kibanyi ca Ukraine ikigoranye, kandi gushika ubu bukaba ata ntsinzi ya gisirikare igaragara bwovuga ko bushobora kwishimira.
Vyabaye ngombwa ko ingabo z'Uburusiya zihindura umukenyuro mu gushira inguvu zose mu ntambara yo mu buseruko bwa Ukraine inyuma y'aho zinaniriwe no gufata umugwa mukuru Kyiv n'ibindi bisagara bikomakomeye.
'Uburusiya buzotsindwa kuko ikibi cama gitsindwa' - Zelensky
Buca ari Umusi w'intsinzi, mu gihe igihugu ciwe kibandanya gitabagurika Prezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine avuga ko Uburusiya "bwibagiye ibintu vyose vyatumye bushika ku ntsinzi zose bwagiye buronka mu ntambara ya kabiri y'isi yose".
Yavuze ko isi irangwa n'ubwigenge ishobora kubona ko Ukraine ari "umuhari w'ineza muri ino ntambara", yongerako y'uko Uburusiya buzotegerezwa "gutsindwa kubera ikibi cama gitsindwa".
Ibihugu vy'Uburengero kandi vyafashe aka karyo k'Umusi w'Intsinzi kugira vyiyamirize ibikorwa vy'Uburusiya muri Ukraine.
Umushikiranganji wa mbere wa Canada, Justin Trudeau - nawe nyene akaba amaze kugendera Ukraine - yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ko Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya ariko "aja kubiri n'intumbero abantu benshi barwaniye bakanayipfira".
Abategetsi b'umurwi G7 uhuriyemwo ibihugu bitunze kurusha ibindi kw'isi bavuga ko ibikorwa vya Putin "vyateje urubwa Uburusiya n'abanyagihugu babwo babwitagniye".