Intambara yo muri Ukraine: Reta ivuga ko Russia iriko itegura kwongereza ibitero mu buseruko

Abasirikare ba Ukraine mu myimenyerezo ya gisirikare i Zaporizhzhia ku wa gatandatu

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abasirikare ba Ukraine mu myimenyerezo ya gisirikare i Zaporizhzhia ku wa gatandatu
Yatangajwe

Ingabo z'Uburusiya zigenda zongereza akariro mu bitero vyazo mu buseruko bwa Ukraine, nk'uko bivugwa n'umuvugizi w'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Ukraine.

Oleksandr Motuzyanyk avuga ko hari "ivyemeza ko uwateye igihugu ciwe ariko arategura ibikorwa bikomeye vya gisirikare".

Ati: "Turabona ivyemezo vy'uko Uburusiya buriko burarundarunda ingabo mu karere k'ubuseruko bukoreramwo…kandi ko ubu iriko ishaka cane kwigarurira utundi turere twa Ukraine uko bishoboka kwose".

Motuzyanyk avuga ko Uburusiya bubandanya ibitero vy'indege mu gisagara ca Mariupol kiri ku nkengera y'inyanja, kimaze igihe cugarijwe.

Avuga kandi ati: "Uwaduteye akora inguvu zose mu kwugarana ingabo zacu hafi y'uruganda rwa Azovstal, n'aho hari zimwe mu ngabo zirungikwa hirya mu buseruko".

Hagati aho, abasivire bagera kuri 20 bashoboye guhunga bavuye mu ruganda rw'ivyuma rwa Azovstal, agace ka nyuma k'ico gisagara ca Mariupol kakiri mu minwe y'ingabo za Ukraine.

Ni wo murwi wa mbere uvuye muri ico gisagara kuva Perezida Vladimir Putin ategetse ko ico gisagara cugarwa burundu.

Ibiganiro birabandanyamu ntumbero yo guha inzira abasivire bababa 1000 bakizibiriwe muri ico gisagara kugira ngo bashobore guhunga.

Motuzyanyk yagiriza kandi ingabo z'Uburusiya kwimura ku nguvu ababa mu karere ka Kharkiv zikabatwara mu Burusiya.

Umushikiranganji w'imigenderanire w'Uburusiya, Sergei Lavrov aherutse kuvuga ko abantu barenga umuriyoni "bahungishirijwe" mu Burusiya bavanywe muri Ukraine kuva igitero gitanguye.

Abagore bataka batakamba ko abarwanyi ba Mariupol bagoswe bofashwa

Olga, i bubamfu, na Natalia ni bamwe mu bagore batakambira Kyiv ko yokora ibishobora kugira igarukire abarwanyi b'i Mariupol
Insiguro y'isanamu, Olga, i bubamfu, na Natalia ni bamwe mu bagore batakambira Kyiv ko yokora ibishobora kugira igarukire abarwanyi b'i Mariupol

Hari amajana n'amajana bakizibiriwe mu ruganda rwo guhingura ivyuma i Mariupol.

Abagore, bashiki na ba nyina b'abarwanyi ba Ukraine bagotewe muri ico gisagara barashitse i Kyiv batakambira reta ko yokora ibishoboka kugira ngo irokore abo barwanyi.

Bavuga ko biteguye mbere no kuba ingwati mu gihe ibi vyoba bishobora gufasha guhungisha aba barwanyi.

Olga, umwe muri aba bagore, yabwiye BBC ati: "Iyo bavuga akanya ko guhungisha abantu, bavuga gusa abasivire, ntibibuka abasirikare, kandi mfise ubwoba bwinshi cane. Abasirikare na bo nyene ni abantu".

"Ni ukuri hariya bari mu muriro udahera, kandi ibintu ni bibi cane gusumba intambara isanzwe".

Ubufaransa n'Ubwongereza vyiyemeje kwongereza imfashanyo biha Ukraine

Mu yandi makuru kuri iyi ntambara, umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, Boris Johnson yabwiye Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine ko yiyemeje gusumba gukomeza iki gihugu.

Mu kliganiro bagiranye ejo ku wa gatandatu kuri terefone, Johnson yavuze ko aciyemeje gukora ibishoboka vyose kugira ngo "Putin ananirwe", akavuga ko Ubwongereza buzobandanya buha Ukraine imfashanyo ya gisirikare n'iy'ubutabazi.

Mu ntango z'ukwezi guheze, uyu mushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza yarabonanye na Zelensky ku mugwa mukuru wa Ukraine Kyiv, Aho yavuze ko Ubwongereza "bufashe mu mugongo cane" Ukraine.

Eka n'Ubufaransa nabwo nyene bwemeye kwongerereza imfashanyo ya gisirikare n'iy'ubutabazi iki gihugu kimaze amezi abiri arenga kiri mu ntambara n'Uburusiya, ni inyuma y'ikiganiro Perezida Emmanuel Macron na we nyene yagiranye na Perezida Zelensky kuri terefone.

Perezida Macron ashimangira ko afise "impungenge nyinshi" ku bibombe Uburusiya bubandanya bucucagira ku bisagara vya Ukraine, hamwe n'ibintu bimeze nabi cane mu gisagara ca Mariupol.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Ubufaransa, Ubwongereza n'ibindi bihugu vy'incuti bimaze guha Kyiv amajana n'amajana y'ibirwanisho birasa kure mu ntumbero yo kuyifasha guhangana n'ibitero vya Moscou mu ntara ya Donbas iri mu buseruko bwa Ukraine.

Ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Ubufaransa bivuga kandi ko iyi mfashanyo igenewe Ukraine igera "ku matoni arenga 615 y'ibikoresho, harimwo ivyo kwa muganga, amamoteri y'ibitaro, imfungurwa, ivyo kwubaka uburaro hamwe n'amamodokari y'ubutabazi".