Kenya igiye kuronka miriyoni zafatiwe muri Jersey zifashe kugwanya Covid

Former Kenya Power and Lighting Company Managing Director Samuel Gichuru (L) and Nambale Member of Parliament Chris Okemo (R) at a Nairobi Law Court (2016) during the hearing of the Money Laundering and corruption charges / extradition case against them

Ahavuye isanamu, The Standard

Insiguro y'isanamu, Samuel Gichuru (i bubamfu ) na Chris Okemo (i buryo) bafotowe bari muri sentare mu 2016 mu ntahe y'urubanza rwabo rwo kurungikirwa ubucamanza bwa Jersey
    • Umwanditsi, Na Mark Lobel
    • Igikorwa, BBC News
  • Yatangajwe

Miriyoni z'ama dorari z'amafaranga y'igihugu bivugwa ko zibwe n'abanya-Kenya babiri ba mbere batunze cane zigiye kugarukanwa mu gihugu zigurwemwo ibikoresho vyo kurokora ubuzima mu kugwanya indwara ya Covid-19 hisunzwe amasezerano y'imbonekarimwe yashitsweko i Londres.

Ayo mazezerano na Jersey, izinga ryigenga mu ntwaro mu kiyaga ca Manche (Ensglish Channel) yakiriwe nk'"intsinzi ku banya-Kenya" n'uwuhagarariye ico gihugu mu Bwongereza, Manoah Esipisu.

Urufatangane rwahavuye ruvamwo ayo masezerano rwatanguriye ku rubanza rwo kwahukana.

Mu 2006, Samuel Gichuru, umuntuzi afise kompanyi y'umuyagankuba muri Kenya, n'umugore wiwe Salome Njeri barahukanye.

Hageze kugabura ivyo batunze, Madame Njeri yabonye ko ataronse ibikwiye.

Yaciye avuga ko bimwe mu vyo umugabo wiwe atunze vyanyegejwe hanyuma, sentare, ica ikora urutonde rw'ama konte yose umugore yavuze ko ari aya Gichuru muri Jersey, izinga risanzwe rizwi gushingwamwo amakompanyi ba nyeneyo batamenyekana kandi rigatangisha amakori ari hasi cane.

Ivyo vyatumye haba amatohoza yamaze imyaka icenda akorwa n'abategetsi ba Jersey.

Muri ayo matohoza, mu 2011, bagirije Gichuru n'uwahoze ari umushikiranganji ajejwe ikigega ca reta kujana muri kompanyi yari yanditswe muri Jersey amafaranga ya "commissions" bahabwa n'amakompanyi mpuzamakungu.

Abategetsi ba Jersey baciye basohora imitahe yo gufatisha abo bagabo bompi, kuva ico gihe bakaba bakirinridiye ko barungikwa bava aho bari muri Kenya.

Ivyaha vy'ubutunzi bagirijwe vyarimwo amasezerano na kompamyi yo muri Finlande yo kwubaka uruganda rw'umuyagankuba hafi ya Mombasa, igisagara kiza ubwa kabiri mu bunini muri Kenya, aho ngo bahawe miriyoni na miriyoni z'amafaranga y'abongereza ya 'commissions' bayahawe n'amashirahawe yo kwubakisha yo mu Bwongereza, Norvege, Ubudagi na kompanyi y'igihangange mu gutumatumanako yo muri Amerika.

N'ubwo BBC yagerageje kenshi kubarondera, abo bagabo bompi n'abashingwamanza babo ntibashimye kugira ico bavuze kuri ivyo bagirizwa.

Ariko iyo kompamnyi yanditswe muri Jersey Windward Trading Limited yahavuye yemera ivyaha bine vyo kugira amafaranga y'inkomoko mbi muri sentare yo muri Jersey.

Sentare yaciye ishinga ingingo, ko iyo kompanyi, nyeneyo asanzwe ari Gichuru, itegerezwa kwakwa amafaranga arenga miriyoni 4,9 z'ama dorari mu vyo itunze kubera amafaranga y'inkomoko mbi.

Menshi muri ayo mafaranga niyo bivugwa ko yavuye mu biturire muri Kenya hagati ya 1999 na 2002 ubu ariyo agiye kugarukanwa mu gihugu.

British Prime Minister Theresa May and Kenyan President Uhuru Kenyatta

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Mu rugendo rwiwe muri Kenya mu 2018, uwari umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza ico gihe Theresa May yashize umukono ku masezerano be na prezida Uhuru Kanyatta yatumye ayo mafaranga agarukanwa

Ivyo vyashobotse kubera amasezerano yo mu 2018 yashizweko umukono na ministre wa mbere w'Ubwongereza w'ico gihe Theresa May, umukuru wa Kenya Uhuru Kenyatta hamwe na reta za Jersey n'Ubuswise. Ayo masezerano yavuga ko amatungo yibwe ashobora gusubizwa muri Kenya ariko agakoreshwa gusa ku bijanye n'imigambi y'iterambere.

Ayo masezerano azwi nka Return of Assets from Corruption and Crime to Kenya (Fracck) aha abategetsi ba Jersey uburenganizra bwo kurekura amafaranga bazi ko yibwe hanyuma akarungikwa imbere y'uko abagirizwa kwiba bashikanwa imbere ya sentare.

Ikoreshwa neza ry'ayo mafaranga kizoba ari igikorwa ca Crown Agents, ishirahamwe mpuzamakungu ridaharanira inyungu ryitaho iterambere.

Umukuru waryo Fergus Drake, yabwiye BBC ko avugana n'abategetsi bajejwe amagara y'abantu muri Kenya kugira bavugane ibikenewe mu kurwanya Covid -19.

Drake yiteze gushikiriza ibikoresho vya nkenerwa cane ku bitaro birenga 10 mu mezi ari imbere.

Yavuze ko gupima neza bizofasha abanya-Kenya kurwanya ico kiza neza no kumenya ibice bikeneye incanco kurusha ibindi.

Gushika ubu muri Kenya abantu bamaze kuronka incanco ntibarenga 20% mu gihugu cose.

Hasigaye amezi make ngo prezida Uhuru ave ku butegetsi, agishika ku butegetsi akaba yari yiyemeje kurwanya ibiturire. Muri iyo ntumbero abategetsi n'abanyaporotike bariko barasabwa kuvuga amatungo bafise, hagakorwa isuzumwa ry'uko ata biturire yaciyemwo.

A man reacts before receiving a throat swab administered by a public health official wearing personal protective equipment (PPE) at a site for mass testing for the COVID-19 coronavirus in Ruaraka, a densely populated suburb in Nairobi on May 28

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Amwe muri ayo mafaranga azokoreshwa mu gupima Covid

Drake yavuze ko ayo mafaranga agiye gusohora -miriyoni 3.5 z'ama dorari - atazokora ''ibintu vyinshi cane'' mu gikorwa c'igihugu co kurwanya Covid-19 , ariko yibaza ko bene iyo mfashanyo igenewe ahantu runaka izogira ingaruka zishika kure mu kurwanya uwo mugera.

Abaharanira uburenganzira bavuga ko akarorero ka Fracck ari inzira nshasha yo kwerekana ko amafaranga abantu baba baronse mu buryo butari bwiza ashobora gusubizwa.

Ubwongereza busanzwe bwaremeje kandi ayandi masezerano -amasezerano ya ONU yo kurwanya ibiturire -gutyo bukaba butegerezwa gusubiza amafaranga yaciye mu vyaha aho ibikenewe biba vyakwiye kugira asubizwe.

Ariko ku bwa Steve Goodrich, umukuru w'ubushakashatsi n'amatohoza muri Transparency International (TI) UK, amafaranga asubijwe ava mu Bwongereza akenshi ntaja mu bikorwa vy'iterambere ata handi aciye.

Atanga akarorero k'amafaranga yigeze gusubizwa yari ayo inkomoko mbi y'uwahoze ari umukuru w'intara ya Delta muri Nigeria James Ibori mu 2012 agahabwa reta ya Nigeria. Afise amakenga ko amafaranga asubijwe ashobora guherera mu biturire.

Goodrich avuga ko ivyo vya Jersey ari intambwe mu nzira nziza. Ariko yongerako ko kugirango hajeko "igitururuza cizewe" ku bantu bibaza kuja kunyegeza amafaranga bivye mu Bwongereza, reta "vy'ukuri ikeneye gukaza umukono wayo" ku gusubira ku matungo (aba yibwe).

Nk'akarorero, avuga ko Ubwongereza bukwiye gutangura gusuzuma ivyo yibaza ko ari "ibibanza/amazu biciye amafaranga arenga miliyaridi 5 z'ama pound (£ canke pound:amafaranga y'abongereza) vyaguzwe mu Bwongereza n'amafaranga yo kwinuba.

Aha rero hari n'ukuraba neza ikibazo c'ibiturire muri Kenya.

Kenya kiza ubugira 128 ku rutonde rwa Transparency International rw'igipimo c'ibiturire kw'isi, abategetsi n'abagwizatunga bakaba bavugwa cane mu biturire.

Hasigaye amezi make ngo prezida Uhuru ave ku butegetsi, agishika ku butegetsi akaba yari yiyemeje kurwanya ibiturire. Muri iyo ntumbero abategetsi n'abanyaporotike bariko barasabwa kuvuga amatungo bafise, hagakorwa isuzumwa ry'uko ata biturire yaciyemwo.

'Intsinzi ku banya-Kenya'

Uwuhagarariye Kenya mu Bwongereza, Esipisu, yigeze kuba umuvugizi w'umukuru w'igihugu, yabwiye BBC ko amasezerano ya Fracck ari "intererano ikomeye cane" ku mugambi w'umukuru w'igihugu kuko atanga ubutumwa ko "abantu bivye amafaranga " batazotekanirwa ngo n'uko gusa banyegeje amafaranga yabo mu mahanga".

Yongerako ati "ayo ni amafaranga yibwe abanya-Kenya, yasahuwe abanya-Kenya, kubera ayo masezerano ayo mafaranga agiye kugaruka gufasha abanya-Kenya ari nabo ubwa mbere na mbere yari asanzwe agenewe. Rero iyo ni intsinzi ku banya-Kenya".

Ubu amafaranga ari mu nzira ava muri Jersey aja muri Kenya, ubu abantu bazoca bahindukirira kuraba ko abo bagabo bagirizwa barungikwa muri Jersey.

Mu kwezi kwa kabiri, ibikeneye gukorwa kugira barungikwe vyaratanguye gukorwa muri sentare ya Nairobi City Magistrates Court, inyuma y'imyaka 10 y'impari zo kumenya urwego rwoja imbere mu kubikora.

Ubu igisata c'ubushikirizamanza nico kiriko kirabikora kandi icegera c'umuyobozi waco Victor Mule yavuze ko intahe yitezwe mu kwezi kwa gatanu. Yavuze ko yizeye ko bitazosubira gufata iyindi myaka 10.

Igihe BBC yabarondera, abashingwamanza ba Gichuru bahisemwo kutagira ico bavuze ku biriko birakorwa.

Umukenguzamateka Ian Gorst, umushikiranganji wa Jersey ajejwe imigenderanire, aremera ko ubwa mbere hoho hari ibitagenze neza kugira ayo mafaranga bivugwa ko yibwe abe yarashitse muri iryo zinga.

Agabisha abandi bashobora gukora gutyo muri kazoza ko amategeko y'iryo zinga ubu yakajijwe cane ariko kandi ko amafaranga yose yashitseyo aciye mu nzira zitari zo azoronderwa iyo ari kandi ko "tuzoyasubiza ku banyagihugu bo beneyo".