Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kenya: Mike Sonko n’umuryango wiwe babujijwe kuja muri US kubera igiturire
Ubunyamabanga bujejwe imigengeranire ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika bwafatiye ibihano vyo kutinjira muri ico gihugu umunyaporitike yiyerekana cane ko atunze wo muri Kenya Mike Sonko n'umuryango wiwe kubera igiturire yagirizwa igihe yari akiri mu mabanga.
Sonko yari buramatari w'umugwa mukuru wa Nairobi, ariko akaba yarabogojwe muri Kigarama (12) 2020 yagirizwa gukoresha amabanga yiwe nabi, ihonyanga rikomeye ry'ibwirizwashingiro, ingeso mbi no guhonyanga amategeko y'igihugu.
Amerika ivuga ko igihe yari akiri mu mabanga yiwe "yasaba igiturire n'udushimwe (commissions) mu gutanga amasoko ya reta ku ncuti ziwe".
Ejo ku wa kabiri, Sonko yarahakanye ivyo yagirizwa avuga ko ari uruhigi bariko bamugirako ku karenganyo.
Ibi bihano vyafatiwe we n'umugore wiwe Primrose, abakobwa biwe Salma na Saumu hamwe n'uwundi mwana akiri muto atavuzwe izina.
Sonko abaye umunya-Kenya agize kabiri afatiwe ibihano vyo kutinjira muri Amerika ku butegetsi bwa Perezida Uhuru Kenyatta ku birego vyo kurya igiturire.
Mu 2019, umukenguzamateka w'akarere ka Busia, Amos Wako, yahoze ari umushikirizamanza mukuru w'igihugu, yarafatiwe ibihano vyo kutinjira muri Amerika ku birego nk'ivyo nyene, co kimwe n'umugore wiwe n'umuhungu wiwe.