Ukraine - Russia: Intambara ziriko zibera ku mugwa mukuru Kyiv, Zelensky asaba ibiganiro

Ahavuye isanamu, Reuters
Itangazo rya reta ya Ukraine ryasubiwemwo n'itororokanirizo ry'amakuru rya Ukraine, Interfax, rivuga ko intambara ziriko zibera mu mabarabara ya Kyiv, umugwa mukuru w'iki gihugu.
Rivuga riti: "Hari intambara mu mabarabara y'igisagara cacu muri uno mwanya".
Rigabisha ababa muri iki gisagara kuguma mu mazu kandi bakirinda kwegera amadirisha canke amabaraza.
Uyu musi ugize gatatu igirisirikakre c'Uburusiya gitanguye igitero gikomeye muri Ukraine inyuma y'aho utwigoro tw'ibiganiro hagati ya reta y'Uburusiya n'ibihugu vyo mu Burengero ataco dushikiyeko.
Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine asaba ibiganiro na Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya kugira ngo intambara ihagarare, ni inyuma y'aho Kremlin itangarije ko Uburusiya bwiteguye kuganira n'ubutegetsi bwa ukraine.
Itororokaniro ry'amakuru Reuters rivuga ko ibibombe biremereye vyumvikanye, biherekejwe n'amasasu menshi mu turere tw'uburengero bw'umugwa mukuru Kyiv.
Amakuru ava muri ico gihugu avuga ko hari intambara zikomeye muri Kyiv.
Giciye ku rubuga rwa Facebook, igisirikare ca Ukraine gitangaza "intambara z'urutavanako ziriko ziraba" mu karere ka Vasylkiv muri ico gisagara.
Kivuga kandi ko casubije inyuma igitero c'ingabo z'Uburusiya kw'ikambi ya gisirikare iri ku mugwa mukuru Kyiv.
Amakuru atangwa ku mbuga hwaniro n'abanyamakuru bakorera i Kyiv aremeza ko intambara ziriko zibera mu mabarabara ya Kyiv, abenshi bakavuga ko bumva ibibombe biremereye biturika n'amasasu hafi cane y'akarere ko hagati mu gisagara.
Igisirikare ca Ukraine congerako y'uko ingabo zaco zakoroye indege zitari nke "z'umwansi" ku musi w'ejo, kandi ko zabujije ingabo z'Uburusiya kwigarurira ibisagara vya Ukraine.

Icakora, umunyamabanga mukuru w'inama y'igihugu ijejwe umutekano no kwivuna abansi, Oleksiy Danilov, avuga ko ingabo z'igihugu zifise "ibintu" i Kyiv, agira ati: "Turahagarika aka kajagari dukoresheje uburyo bwose bushoboka", nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru gikorera ku rubuga ngurukanabumenyi co muri Ukraine Lb. ua.
Mu gihe igisirikare c'Uburusiya kibandanya ibitero vy'urutavanako kuri Ukraine, umuvugizi wa Perezida Zelensky avuga ko igihugu ciwe citeguye kuja mu biganiro vy'amahoro no guhagarika intambara n'Uburusiya vuba bwango.
Avuga ko abategetsi b'Uburusiya n'aba Ukraine ubu bariko baravugana igihe n'ikibanza ivyo biganiro vyoberamwo.
Uburusiya bwobwo buvuga ko buzoganira gusa mu gihe igisirikare cose ca Ukraine kizoba camanitse amaboko.
Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe ONU Antonio Guterres asaba ko hoba akandi karyo k'ibiganiro vy'amahoro, ni inyuma y'umubonano w'Inama nkuru ya ONU aho Uburusiya bwahagaritse integuro y'icemezo cayo co kwiyamiriza igitero kuri Ukraine.
Yanditse ku rubuga rwa Twitter ati: "ONU yavyawe n'intambara mu ntumbero yo guhagarika intambara. Uno musi, vyanse ko dushika kuri iyi ntumbero. Ariko nta gucika inkokora. Ni ngombwa ko dusubira tukagerageza
Inyuma y'aho, yateye akamo ingabo z'Uburusiya zakoze iki gitero kuri Ukraine gusubira ku birindiro vyazo.
Iki cemezo vyaboneka ko ataho cari gushika kubera Uburusiya bufise ububasha bwo guhagarika ingingo iyo ari yo yose budashimye (veto) kuko ari umunywanyi ntayegayezwa w'iyi Nama Nkuru ya ONU.
Ku ruhande rwiwe, uwuserukira Uburusiya muri ONU Vassily Nebenzia yashimiye ibihugu biri mu Nama nkuru ya ONU bitashigikiye integuro y'iki cemezo cayo avuga ko ari ico "kurwanya Uburusiya".












