Paul Bishop wo mu Bwongereza yasubiye gutora amenyo y'amabandikano yiwe yatakaye haraheze imyaka 11

Ahavuye isanamu, PA Media
Umuntu yari mu karuhuko yari yatakaje amenyo yiwe y'amabandikano igihe yariko arayorwa aho bata umwavu yaborewe i Benidorm, yatangaye igihe yamushikira aciye mu posita inyuma y'imyaka 11.
Paul Bishop w'imyaka 63, yavuze ko "yumvise atameze neza" inyuma yo kunywa inzoga mw'ijoro mu musi mukuru wariko urabera muri Espagne mu 2011.
Igihe amenyo ya Paul yatorwa mu mucafu, abategetsi bo muri Espagne baciye bayapima ADN baca barayamurungikira ku muhana iwe i Stalybridge, muri Grand Manchester.
Yavuze ko "yatangaye cane" igihe yabona ayo menyo yiwe y'amabandikano yatakaje haheze igihe kirekire.
Yibuka ivyamushikiye muri iryo joro mu myaka irenga cumi iheze, Paul yabwiye BBC North West Tonight ati: "Nanyoye inzoga yari isigaye, ica irangaruka.
"Aho bata umwavu ni ho hari hanyegereye.
"Igihe twaja mu kandi kabare, mugenzi wanje yaciye ahindukira arandaba aca ambaza aho nashize amenyo yanje."
"Biratangaje cane"
Paul yararondeye hose ayo menyo arayabura.
Igihe rero yashika atavyiteze mw'iposita, yavuze ati "nibaza ko ari umuntu yariko arankinisha."
Yavuze ko amenyo yiwe yavuye aho bata umwavu bayashikiriza abategetsi.
"Ikindi kintu mwomenya, baratoye ADN yanje n'aho mba mu bindanga vyo mu Bwongereza, hanyuma babishira mu butumwa.
Ivyo vyose avuga ko ari "ibisigabwenge".
"Abantu bose barazi amenyo yanje rurangiranwa .... Ngiye kwugurura iratiro ry'amenyo i Stalybridge."











