US: Bemeye kuriha imiriyoni $250 yo 'guhoza' abagore 200 bakorewe amabi afatiye ku gitsina n'umuganga

James Heaps yagirizwa amabi ashingiye ku gitsina

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, James Heaps yagirizwa amabi ashingiye ku gitsina
Yatangajwe

Ishure kaminuza rya California ryemeye kuriha imiriyoni hafi 250 z'amadorari ku bagore barenga 200 bavuga ko bakorewe amabi ashingiye ku gitsina n'umuganga w'iri shure w'umuhinga mu bijanye n'irondoka ku bagore (gynécologue/gynaecologist).

Abagore batari bake bagiriza iyi kaminuza c'i Los Angeles (UCLA) kunyegeza n'ibigirankana ivyo James Heaps yagirizwa bijanye no gukorera amabi ashingiye ku gitsina abarwayi.

Heaps yakorera ku kigo c'abanyeshure kijejwe amagara y'abantu kuri UCLA mu myaka 35 yose yari amaze hagati ya 1983 na 2018.

Abagore amajana n'amajana, bamwe muri bo bari barwaye kanseri, bavuga ko bakorewe amabi n'uyu muganga.

Iri shure kaminuza ryagiye gutangura amatohoza ku vyo Heaps yagirizwa mu 2017. Mu birego biharurwa mu majana, iri shure ryagirizwa ko ryanyegeje n'ibigirankana ivyo uyu muganga yagirizwa vyo gukorera abarwayi amabi ashingiye ku gitsina.

Mu 2019, umucamanza yamwatse uburenganzira bwo kuvura mu kiringo cose uru rubanza ruzoba ruriko rurabandanya aho yagirizwa amabi ashingiye ku gitsina.

Heaps yagirizwa ivyaha 21 vy'amabi ashingiye ku gitsina yakoreye abagore indwi, ariko akaba ahakana ivyo yagirizwa.

Iyi kaminuza yibaza ko aya mafaranga yemeye kuriha azoshobora "guhoza" aba bagore kandi "ikarangiza" uru rubanza, nk'uko biri mw'itangazo iyi kaminuza yasohoye ejo ku wa kabiri.

Ariko Kara Cagle asanzwe arwaye kanseri akaba yarivuje kwa Heaps kuri iyo kaminuza, yabwiye ikinyamakuru Los Angeles Times ati: "Uno musi, inyuma y'imyaka umunani yose, niho ivyambayeko bigiye vyemerwa.

"N'aho ndonse ihumure, umutima wanje urababara iyo nibutse abo bagore bose bahohotewe, abo bose bakorewe amabi inyuma yanje, bitumwe n'uko UCLA yanse gufata ingingo".

Itangazo ryo ku wa kabiri ntirihagarika urubanza rwugurujwe n'abantu barenga 300.

Mu kw'indwi kw'umwaka uheze, umucamanza w'igihugu yaremeje ihabadu y'imiriyoni 73 z'amadorari yatangishijwe Heaps, ku bagore barenga 5.500 bari bamwitwariye.

Nk'uko bivugwa n'abashingwamanza bari muri uru rubanza, yarigeze kuba ari we muganga yahembwa umushahara munini gusumba abandi bose mw'ishure ryose rya kaminuza ya California.

John C Manley, umushingwamanza aburanira umwe muri aba bagore akaba yaritwariye Heaps, avuga ko yabaye umuryanyi wo ku rwego rwo hejuru yakoze amabi yigira ngo yariko arapima abantu.

Manley yabwiye BBC ati: "Kubera ubuhinga bwiwe, abagore nka bose baramwitura kubera bari barwaye kanseri canke biketse ko bayirwaye".

Iyi kaminuza si yo yonyene ihuye n'iki kibazo.

Mu kwezi guheze, kaminuza ya Michigan yarashitse ku mwumvikano wo kuriha imiriyoni 490 z'amadorari ku bantu barenga 1000 bavuga ko bakorewe amabi n'umuhinga wo kwinonora imitsi mu myaka 40 yose yamaze ahakora.

Ni mu gihe abagore batatu bitwariye irindi shure kaminuza rimwe riri mu yakomeye cane muri Amerika, Harvard, bakaryagiriza ko ryirengagije ivy'amabi ashingiye ku gitsina bavuga ko bakorewe.

Umwigisha John Comaroff umuhinga mu bijanye n'amamuko y'umuntu (anthropologue/anthropologist) arahakana ivyo yagirizwa ko yabasomye akongera akabakuyakuya.