La Haye: Kabuga Felicien yasubiye kumenyesha ko adashaka uwumwunganira

Felicien Kabuga yarengutse mu buryo bwa video

Ahavuye isanamu, MICT

Insiguro y'isanamu, Felicien Kabuga yarengutse mu buryo bwa video
Yatangajwe

Felicien Kabuga akekwa uruhara muri jonoside yo mu Rwanda yasubiye kubwira sentare ko adashaka uwumwunganira, Maitre Emmanuel Altit.

Yabivugiye mu kwumvirizwa kw'uno munsi kwabaye hakoreshejwe ubuhinga bwa none, kwari ukwo kuraba nimba uruhande rurega n'ururegwa ata nzitizi bagifise zotuma urubanza rudatangura ukuri kwamye.

Umucamanza w'igisata c'i La Haye mu Buholandi c'urwego rwasigaranye imanza zasizwe na Sentare Mpanavyaha Mpuzamakungu yashiriweko u Rwanda, Iain Bonomy, yabanje gusubiramwo intambwe zose uru rubanza rumaze gucamwo kuva uwuregwa agifatwa.

Yibukije yuko yemerewe kuburanira i La Haye hako yojanwa i Arusha muri Tanzania kubera imvo z'amagara, anavuga yuko sentare ishikirizwa ivyegeranyo vy'ukuntu amagara y'uwuregwa yifashe.

Ku nshuro zibiri zose kwumvirizwa kwagomvye gushirwa mu mwiherero bisabwe n'uwunganira Bwana Kabuga ari we Maitre Emmanuel Altit.

Ku nshuro ya mbere urubanza rwashizwe mu mwihero igihe umucamanza Iain Bonomy yabaza niba hari inzitizi Bwana Kabuga yoba agise zobuza urubanza gutangura.

Maitre Altit yavuze ko hari ikibazo c'amagara adashobora kuvugira ahabona, umucamanza aca ashira urubanza mu bwiherero.

Umucamanza Iain Bonomy

Ahavuye isanamu, MICT

Insiguro y'isanamu, Umucamanza Iain Bonomy yashize ukwumvirizwa mu mwiherero kabiri

Kwumvirizwa kwashizwe mu mwiherero ubugira kabiri nyuma y'aho Kabuga aherewe ijambo ngo avuge inzitizi we abona zoba zikiriho, akavuga yuko gushika ubu atavugana n'uwumwunganira Maitre Altit, ko atamushikiriza amakuru n'amwe akaba ahubwo ashaka yuko yosubirizwa n'uwitwa Peter Robison.

Maitre Altit abajijwe ico abivugako, yaciye abwira umucambanza yuko impungenge Bwana Kabuga amufiseko atozivugira ahabona, gutyo ukwumvirizwa gushirwa kandi mu mw'iherero.

Twokwibutsa ko iki kibazo co kwanka kwunganirwa na Maitre Altit, Felicien Kabuga be n'umuryango wiwe bagishikirije kuva yashikamwa imbere ya sentare ku nshuro ya mbere mu kwezi kwa cumi na rimwe 2020, bakavuga yuko ata kwumvikana n'uwo mushingwamanza kuriho.

Maitre Emmanuel Altit aho yaburanira Laurent Gbagbo mu 2013

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Maitre Emmanuel Altit yavuze ko impungenge Kabuga amufiseko atozivugira ahabona

Bwana Kabuga, yarengutse hakoreshejwe uburyo bwa video, yongeyeko yuko kiretse uwo mwunganizi wiwe adashaka, yumva ata kindi comubuza kwitabira urubanza rwiwe.

Ubushinjacaha nabwo bwahawe ijambo, buvuga yuko ata nzitizi bobo bafise, kiretse kumenyesha ko hari ingingo zibiri batazokurikirana, ingingo bise ko ari izo mu muce wa 45 A, E hamwe na 64 A mu kirego bashikirije.

Kwumvirizwa kwaciye kwimurirwa ku tariki itaciye imenyeshwa.

Kabuga Felicien yafatiwe mu Bufaransa itariki 16/05/2020, nyuma y'imyaka irenga 20 aronderwa n'ubutungane ku ruhara yagirizwa muri jenoside yo mu Rwanda mu 1994.