UK: Umugabo avuga ko amaze imyaka 70 ata ruhusha afise

Ahavuye isanamu, Bulwell, Rise Park and Highbury Vale Police
Umugabo yahagaritswe n'igipolisi akibwira ko amaze imyaka irenga 70 atwara imodoka atagira uruhusha 'permis' canke ikarata y'ubwishingizi 'Assurance'.
Igihe bariko barakizura, abapolisi bahagaritse umugabo yari iruhande ya Tesco Extra , i Bulwell, Nottingham ku musi wa gatatu ku mugoroba.
Abapolisi bavuze ko uwo mushoferi - yavutse mu 1938 - yababwiye ko kuva afise imyaka 12 agendesha imodoka ata ruhusha canke ubwishingizi afise, kandi ko atari bwigere ahagarikwa na rimwe n'igipolisi.
Ku rubuga rwa Facebook, igipolisi ca Bulwell, Rise Park na Highbury Vale cavuze ko gishima kuba atari bwigere agira isanganya.
Abo bapolisi bongerako bati: "Ni ivyo gushima kuba atigeze agira isanganya, ngo agire uwo akomeretsa kandi akaba ata we aratuma ahomba amahera mu kumugonga kandi ata bwishingizi afise.
"Kubera ukwiyongera kw'ama kamera i Nottingham, n'aho woba ugiye hagufi, ushobora kubonwa na kamera, ari co gituma utegerezwa kwibangikanya impapuro zikwiye... kubera umusi umwe zishobora kugufata."







