Ethiopia: Ibitaro vyo muri Tigray vyaheranywe n'indya z'abana bishwe n'inzara

Medical staff give medical care to a young injured resident of Togoga, a village about 20km west of Mekele, at the Ayder referral hospital in Mekele, the capital of Tigray region, Ethiopia, on June 23, 2021

Ahavuye isanamu, Getty Images

    • Umwanditsi, Na Catherine Byaruhanga
    • Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC News Africa
  • Yatangajwe

Surafeal Mearig w'amezi atatu aryamye mu bitaro vya mbere binini mu ntara ya Tigray yo muri Ethiopia yugarijwe.

Amaso yiwe aruguruye cane, imbavu ziwe nazo zisa n'iziri hejuru kubera kwonda cane.

Uwo n'umwe mu bana benshi barwaye indwara zo gufungura nabi kubera iyo ntambara mu yo muri Ethiopia imaze amezi 14 ubu yatandukiriye intara bihana urubibe za Afar na Amhara.

Umuganga w'abana avura Surafeal mu bitaro bikuru vya Ayder ku mugwa mukuru wa Tigray, Mekelle, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ko apima 2,3kg, ikiro kimwe munsi y'ivyo yavukanye.

Kugabisha: Bamwe mu basomyi bashobora kubabazwa n'ifoto iri aho munsi.

Ku bw'amakuru yo kwa muganga atangwa n'abakozi bo mu bitaro, amaberebere (amashereka) ya nyina yarakamye nabo abavyeyi biwe, ubu ata n'umwe akora, ntibashobora kumugurira amata y'ifu.

Na cane cane, abakozi bo ku bitaro bavuga ko ubu bariko barahererwa n'ivyo kurya bifasha mu kuvura abana nka Surafeal.

Umwe mu baganga yabwiye BBC ariko asaba kutamenyekana kuko umuryango wiwe wohava ugira ingorane ati: "Ubu haciye amezi atandatu ata miti canke ibikoresho turonka biva i Addis Ababa (umurwa mukuru w'igihugu).

Yongerako ati: "Dusa n'abahejeje ivyo twari dufise kuva turonse ivya nyuma mu kwezi kwa gatandatu. Ibintu vyose vyaheze".

Muri iyi ndwi abakozi bo mu bitaro vya Ayder barashikirije icegeranyo amashirahamwe mpuzamakungu afasha basaba gufashwa.

Surafeal yabaye umwe mu bana barekanywe.

Surafeal Mearig

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Surafeal Mearig ni umwe mu bana benshi babaye kubera iyo ntabara

Abakozi bo mu bitaro bavuze ko 40% b'abana bafise munsi y'imyaka itanu bazanwa ku bitaro barwaye kubera ukurya nabi- ni incuro zibiri urugero rwo mu 2019.

Medhaniye w'imyaka ine asigaye ku magufa gusa, nawe nyene aryamye mu gitanda co kwa muganga, umuringoti umugaburira ucometse mu zuru .

Icegeranyo ciwe co kwa muganga cerekana ko yatanguye kurwara kubera kurya nabi kuva aho abasirikare batereye urugo rwabo bakica inka zabo, bagasambura bakongera bagasahura ivyo bari batunze.

BBC ntishobora guhinyuza mu buryo bwigenga ibiri muri ico cegeranyo ca muganga vyose kuko Tigray isanzwe yarugariwe uburyo bwo gutumatumanako kuva mu kwezi kwa 11, 2020 igihe intambara yaduka hagati ya Tigray People's Liberation Front (TPLF), isanzwe igenzura igice kini c'iyo ntara, na reta mpuzantara.

Abanyamakuru nabo ntibemerewe gushika muri Tigray kuva mu kwezi kw'indwi.

Guhagarika kuva amaraso n'ibiganza bigaragara

Mu cegeranyo cabo abaganga bavuga ko iyugaranwa rimaze amezi atandatu ryagizwe n'ingabo za reta mpuzantara n'abazifasha urugamba ariryo rituma habura imiti n'ibikoresho vyo kwa muganga bavuga ko bituma hari abapfa kandi batopfuye.

Icegeranyo kivuga ko "kuva intara yugarijwe, abandi barwayi 35 batakaje ubuzima kubera dialyse itagikora."

Abanganga bavuga ko hari igihe biba ngombwa ko bahagarika ukuva kw'amaraso n'intoke zigaragara, bakamesa kugira basubire gukoresha udufuka-ntoke canke bakikorera bonyene imiti yo kwica imicafu.

Agira ico avuze kuri ivyo, umuvugizi wa reta Legesse Tulu yabwiye BBC ko ico cegeranyo "kirondera kuvugira " TPLF kandi cigana ivyo ivuga ko Tigray yugaranywe.

Yavuze ati : "Ku ruhande rwa reta, nta yugaranwa ry'ibigirankana rigirirwa Tigray ngo ribangamire abanyagihugu bacu".

Ariko kuva intanbara itanguye, amashirahamwe afasha yagumye yidoga ko ata mfashanyo nyinshi ashobora gushikana muri Tigray.

A Togoga injured residents, a village about 20km west of Mekele, where an alleged airstrike hit a market leaving an unknown number of casualties, receives medical treatments at the Ayder referral hospital in Mekele, the capital of Tigray region, Ethiopia, on June 23, 2021

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abanyaguhugu basanzwe (abasivire) barishwe canke barakomeretswa n'ibitero vy'indege z'igisirikare ca Ethiopia

Ku bw'icegeranyo c'urwego rwa ONU ruhuza ibikorwa vyo gufasha abari mu kaga (Ocha) co ku wa 30 ukwezi kwa 12, imiduga itwaye imfashanyo muri Tigray ntirashobora kwinjira muri iyo ntara kuva hagati muri uko kwezi kubera amananiza y'intwaro n'umutekano muke.

Ishami rya ONU ryitaho imfungurwa PAM/WFP rigeraranya ko amakamyo 100 atwaye imfashanyo akeneye gushika muri Tigray buri ndwi kugira hafashwe abantu barenga imiriyoni zitanu, ariko ku bwa Ocha, 12% vy'ibikenewe nivyo vyonyene bimaze gushika muri iyo ntara.

Kuri ico kibazo co kujana imfashanyo, Legesse yavuze ati: "Imiduga irenga 840 ku 1.100 itanga imiti n'ivyo kurya ntirasubizwa, ikekwa kuba ikoreshwa na TPLF mu gutwara abo yinjiza mu ngabo mu buryo bunyuranye n'amategeko, abasirikare hamwe n'ibikoresho vya gisirikare."

TPLF irahakana ibivugwa ko ibangamira imfashanyo, ariko nayo nyene ingabo zayo ziramaze kwagirizwa ko zisahura ububiko bw'imfashanyo n'amavuriro mu turere zigenzura muri Amhara na Afar.

Uyo muganga wo mu bitaro vya Ayder yabwiye BBC ko n'imiryango y'abakozi nayo nyene ikorwako n'ico kibazo.

Yavuze ati: "Umwana wanje arwaye appendicite kandi ntashobora kuronka ingene avurwa".

Kandi mu gihe imiti n'ibikoresho bibandanya gukena, avuga ko ata kundi bazogira, impera n'imperuka bazotegerezwa guhagarika ibikorwa vyo kubaga vyose kuva ku ndwi iza.

"Nta bikoresho n'imiti turonka. Aho niho tugeze, ari naco gituma twashaka isi ibimenye. Ibitaro vyinshi bigiye kwugara."