Ethiopia - Tigray: TPLF isaba ibiganiro, ariko yagiriza reta ko ibandanya ibitero vya drone

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umuhari Tigray People's Liberation Front (TPLF) wagiriza reta ko ibandanya ikora ibitero vya za ndege zitagira abadereva (drones) yirengagije akamo yatewe k'ibiganiro vy'amahoro kugira ngo intambara hagati yawo na reta ihagarare.
Ingabo za reta ya Ethiopia zarisubije ibisagara vyari vyigaruriwe n'inyeshamba za Tigray mu ntara za Amhara na Afar, harimwo na ca gisagara c'umurage w'isi ca Lalibela.
Iyi ntambara yateje akaga ku mibereho y'abanyagihugu, mu gihe n'utwigoro tw'ibiganiro bihagarariwe n'amakungu ataco turashikako gushika ubu.
Abategetsi ba Addis Abebba ntaco baratangaza kuri ivyo birego vya TPLF canke akamo yatewe n'inyeshamba ko guhagarika intambara, ivyo Ubwongereza na Amerika vyibaza ko bishobora kuba akaryo keza ko guhagarika iyi ntambara.
Ibitero vya drones vyarahinduye ibintu muri iyi ntambara ya Ethiopia.
Haraciye ukwezi inyeshamba za Tigray zisa n'izariko zisatira umugwa mukuru, aho mbere zageze ku birometero 200 uvuye i Addis Abeba.
Ubu ziboneka ko ziriko zirayangaga zisubira inyuma.
Bivugwa ko drones z'Ubushinwa, Turukiya na Iran - hamwe kandi n'ingabo nshasha zinjijwe mu gisirikare - zahinduye urugamba, zigatuma reta ifata ibintu mu minwe.
Reta yarashoboye kwisubiza uturere hafi twose twa Amhara na Afar, ivyatumye inyeshamba zisubira inyuma.
Ikibazo muri kino gihe ni ukumenya nimba reta izobandanya ibi bitero vyayitumye ihagarara neza ku rugamba, canke naho nimba izokwicarana n'izi nyeshamba, mu biganiro vyo kurangiza iyi ntambara imaze amezi cumi n'abiri.
Reta ibandanya yisubiza ibisagara yari yatakaje
Mu mezi make aheze, inyeshamba za Tigray zasa n'uko zafashe urugamba mu minwe mbere zikaba zariko zitera zisatira umugwa mukuru Addis Abeba.
Hagati aho, kuva mu ndwi nkeya ziheze igisirikare ca Ethiopia, Ethiopian National Defence Forces, kiriko kiratuza bikomeye izi nyeshamba, cisubiza n'uturere.
Inyuma y'aho ku wa gatandatu reta ya Ethiopia itangarije ko yari yisubije ibisagara bitari bike, harimwo na Weldiya, ejo ku wa mbere igisirikare catangaje ko cisubije Lalibela yari mu minwe y'inyeshamba za Tigray.
Ntibiramenyekana neza igihe igisirikare cigaruriye Lalibela, ariko icegera c'umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia, Demeke Mekonnen Hassen, yari yagendeye ico gisagara kiri mu ntara ya Amhara ku wa Mungu.
Lalibela, izwi cane ku masengero yayo yubatswe mu rutare rw'amabuye mu binjana vya 12 na 13, yaragenywe nk'umurage wa UNESCO kuva mu 1978.
Kuva mu kwa munani, iki gisagara cagiye cigarurirwa n'impande zitandukanye incuro zitari nke. Ikibuga c'indege caco carononekaye cane kubera iyi ntambara.
Umuhari TPLF uvuga ko wafashe ingingo yo kuvana abarwanyi bayo mu turere twose wari wigaruriye mu ntara za Amhara na Afar uzisubiza ku cicaro cawo gikuru muri Tigray, ni inyuma y'aho unaniriwe no kubandanya usatira umugwa mukuru Addis Ababa.
Uvuga kandi ko wafashe iyo ngingo kugira ngo wugurure inzira y'ibiganiro mu ntumbero yo gutorera umuti iyi ntambara.
TPLF ivuga ko iyi ngingo yo gusubiza inyuma abarwanyi bayo ari kimwe mu bigize "impinduka zikomeye" yariko iragira, n'aho itemeje ko yavuye mu bisagara vya Lalibela na Weldiya.

Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia Abiy Ahmed ari ku rubuga rw'intambara mu rugamba rwo kurwanya inyeshamba za TPLF. Uyu muhari kandi warashegeshwe n'ibitero vy'indege ntoya zitagira abadereva (drones).
Mu gihe inyeshamba zozo zivuga ko zisubira inyuma ku mayeri mu ntumbero yo kwiyubaka, igisirikare ca Ethiopia kivuga ko zitavuye mu ntara za Amhara na Afar ku gushaka, ko ahubwo zatujijwe.
Umuvugizi wa TPLF aremeza ko abarwanyi babo batewe bikomeye, cane cane hakoreshejwe za drones.
Getachew Reda avuga ko ingabo za Ethiopia n'iza Eritrea ziriko ziriyegeranya hafi y'urubibe na Tigray, akagabisha ko ibintu bishobora kuyangara.
Atera akamo amakungu ko yokwumvisha reta n'abayishigikiye ko yoshira imbere ibiganiro, abashigikiye reta bobo babona ko TPLF iriko iratabaza.
Haraciye umwaka iyi ntambara yadutse hagati y'ingabo za reta n'umuhari TPLF biturutse ku kutumvikana gukomeye ku mpinduka za poritike zariko zikorwa na Abiy igihe ashika ku butegetsi mu 2018.
TPLF yari imaze imyaka 25 ari yo yiganziye ubutegetsi bwa Ethiopia, ubu ikaba igenzura hafi intara yose ya Tigray.












