Tanzania: Job Ndugai yatanze imihoho nk'umukuru w'inama nshingamateka

Ahavuye isanamu, BUNGE/TANZANIA
Umukuru w'inama nshingamateka ya Tanzania Job Ndugai yatanze imihoho muri ico kibanza kuri uyu wa kane igenekerezo rya 06 z'ukwa mbere 2022.
Nk'uko biri mw'ikete yandikiye umunyamabanga mukuru w'umugambwe Chama Cha Mapinduzi (CCM), avuga ko yafashe iyi ngingo yo kuva muri ico kibanza we nyene ubwiwe.
Muri iryo kete, handitse hati: "Nashaka kumenyesha abanyagihugu ba Tanzania ko kuri uyu wa kane igenekerezo rya 06 nzero 2022, nanditse ikete ndarirungikira umunyamabanga mukuru wa Chama Cha Mapinduzi (CCM) ntanga imihoho mu kibanza c'umukuru w'inama nshingamateka ya Repubulika..."
Ndugai, umushingamateka wo mu karere ka Kongwa, ashimira abashingamateka, Perezida Samia Suluhu Hassan, reta, abanyagihugu b'akarere ka Kongwa n'abatanzania bose ku kungene bakoranye mu kiringo ciwe cose ari umukuru w'inama nshingamateka.
Iyi ngingo ije inyuma y'aho abatari bake mu mugambwe CCM bamusabiye gutanga imihoho inyuma yo guterana amajambo na Perezida Samia Suluhu Hassan ku bijanye n'umugambi wa reta wo gufata amadeni mu ntumbero yo kurangura imigambi y'iterambere.
Perezida Samia Hassan avuga ko amajambo yavuzwe na Ndugai ashobora kuba ashingiye ku matora yo mu mwaka wa 2025.
Mu gatondo ko kuri uyu wa kane umushingamateka wo mu karere ka Kawe i Dar es Salaam, Musenyeri Josephat Gwajima, yari yahanuye umukuru w'inama nshingamateka Job Ndugai ko yotanga imihoho, avuga ko atari gushobora kubandanya arongoye inama nshingamateka kuko abashingamateka bose bazoba bari ku ruhande rwa Perezida Samia Suluhu Hassan.
Musenyeri Gwajima yavuze aya majambo uno musi ku wa kane mu gisagara ca Dar es Salaam igihe yariko avuga ku majambo yashikirijwe na Ndugai ku bijanye n'amadeni, amajambo yashikirije ku wa 28 z'ukwa cumi na kabiri guheze, hari mu nama yariko ibera mu gisagara ca Dodoma.
Ico gihe, Ndugai yavuze ko amadeni yongereza umutwaro ku banyagihugu, ko ubu ari igihe co kurangura imigambi itandukanye mu mafaranga avuye mu makori atandukanye yashinzwe, aho kurindira amadeni.
Yavuze kandi ko igihugu kizohava kigurishwa icamunara kubera amadeni menshi, aho hari inyuma y'aho umukuru w'igihugu yari atangaje ingurane nshasna yatanzwe n'ikigega mpuzamakungu, FMI.
Inyuma y'aho aya majambo atereye impari nyinshi muri ico gihugu, Ndugai yahavuye aremesha ikiganiro n'abanyamakuru asaba imbabazi "umukuru w'igihugu n'abanyagihugu", ariko ivyo ntaco vyafashije.
Muri ico kiganiro yaremesheje ku wa mbere igenekerezo rya 03 z'uku kwa mbere, Ndugai yisiguye avuga ko ivyo yavuze bitari bifise intumbero yo gusibanganya utwigoro twa reta, ko ahubwo yariko arahimiriza abantu gutanga ikori.

Ahavuye isanamu, IKULU
Ndugai yavuze ko mu mpera z'umwaka urangiye yari arwaye, bituma adashobora gutanga umuco ku vyariko birazunguruka ku mbuga ngurukanabumenyi.
Ati: "Nari nkitswe n'amagara, mbere gushika ubu murumva ko ijwi ryanje atari ryiza, ariko nashaka gutanga umuco ko kw'igenekerezo rya 26/12, natumiwe n'ishirahamwe i Dodoma, ryihweza ubuzima bw'abanyagihugu baho, intumbero y'iryo shirahamwe ni ugukomeza ubumwe n'akaranga k'abanyagihugu.
"Ntavyo kwambika iceyi vyahabaye, nta kintu na kimwe co gucafuza canke co gukengera utwigoro utwo ari two twose twa reta, mu biganiro vyacu, kandi mu biganiro twagiranye narahimirije cane itangwa ry'amakori".
Wewe avuga ko ireresi yahanahanywe ku mbuga hwaniro ari abantu bagiye barahimbagura uduce dutoduto, baradufatanya gushika aho havamwo ibintu vyateje induru mu gihugu.
Yabandanije agira ati: "Muri iki kiganiro cavuyemwo iyo reresi ngufi, ndemeza ko imbuga ngurukanabumenyi zifise inguvu zidasanzwe kandi ko zifise ububasha bwo kuzana ibibazo bishobora gutera impari.
"Jewe ubwanje narababajwe cane n'amajambo yanje yagiye kunyerekana ko ngwanya ayo madeni, mu gihe jewe nyene ubwanje nshobora kuba icabona c'ingene ayo mafaranga yakoreshejwe mu kwubaka amashure meza mu karere kanje".
Ku musi wakurikiye ku wa kabiri itariki 04 z'uku kwa mbere, Perezida Samia Hassan yaciye asigura icatumye havugwa aya majambo yo kurwanya ingingo ya reta yo gusaba amadeni mu ntumbero yo kurangura imigambi y'iterambere.
Yavuze ko yumva ko yahemukiwe n'abanegura reta yiwe kubona yakiriye aya madeni mvamahanga.
Ati: "Birababaje kubona umuntu wari wizigiye afise amabanga nk'ayo akomeye muri reta agukorera ivyo.
"Kubona umuntu afise ubwenge ahagarara akavuga aya muhe ku ngurane n'amakori, nta kindi atari inyonko ya 2025, ku muntu nari nizigiye ko twari gufashanya mu migambi y'iterambere, sinari niteze ko yohagurutse akavuga amajambo nk'ayo".









