South Africa: Umuriro wari wasubiye kwaduka mu ngoro y'inama nshingamateka i Cape Town 'wazimijwe'

Yatangajwe

Umuriro mwinshi ku wa mbere wari wasubiye kwaduka mu nyubakwa y'inama nshingamateka na nkenguzamateka i Cape Town muri Afrika y'Epfo ubu wazimijwe, nkuko abategetsi babivuga.

Mu butumwa bwo kuri Twitter, umuvugizi w'inama nshingamateka Moloto Mathapo yavuze ko watokombeje ibice vy'iyo nyubakwa birimwo aho watanguriye n'amagorofa ya gatatu na gatanu. Yongeyeko ko imirwi 20 yahagumye igenzura uko ibintu bimeze.

Imbeya zibonekeje mu gisenge c'iyo nyubakwa ku wa mbere, abajejwe kurwanya imiriro y'ivyaduka nabo bagerageza kuzimya.

Uwo muriro wadutse ubwa mbere muri iyo nyubakwa ku wa Mungu urasambura igice gikoreramwo inama nshingamateka.

Igipolisi cahagaritse uwikekwa kugira uruhara muri uwo muriro, bikaba vyitezwe ko arengutswa muri sentare kuri uyu wa kabiri yagirizwa guteza umuriro, kumena amazu n'ubusuma.

Abategetsi bari bagabishije ko hari gushobora kwaduka iyindi miriro kubera isaso z'amatapi n'imbaho muri iyo nyubakwa.

Umuvugizi w'inama nshingamateka Moloto Mathapo yari yabwiye ikinyamakuru co muri Afrika y'Epfo TimesLive ko abajejwe kurwanya imiriro y'ivyaduka "bategerezwa kubandanya ibikorwa ijoro ryose" kugira ngo ntihagire iyindi miriro yaduka.

Ariko hari 12 gusa muri bo igihe umuyaga wateza uwundi muriro hejuru y'ingoro y'inama nshingamateka ku wa mbere, nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru AFP.

Ku wa Mungu, Perezida Cyril Ramaphosa yaremeje ko ubuhinga bwo kugabisha butakoze neza, ashimira abajejwe kurwanya imiriro y'ivyaduka kubona barabangutse bagashobora guhangana n'iri "sanganya rikomeye kandi riteye ubwoba" mu kiringo c'iminota.

Umushikiranganji w'bikorwa vya reta Patricia de Lille na we yavuze ko kamera z'inderetsi (CCTV) zitariko zirakurikiranwa igihe umucanwa waduka ubwa mbere.

Umupfasoni de Lille yavuze ko umuriro wo ku wa Mungu watumye uruhande rw'inama nshingamateka "rusha rugatokombera". Ibindi bice vy'iyo nyubakwa ikoreramwo inama nshingamateka na nkenguzamateka - bimwe muri vyo vyubatswe mu 1884 - navyo nyene vyarononekaye.

Iyi nyubakwa isanzwe ibitse ibihumbi n'ibihumbi vy'umutungo wo muri kahise harimwo ibitabo, amasanamu n'ibibumbano bikomeye vyo muri kahise, abategetsi bavuga ko vyashoboye kurokoka.

Abarongoye inama nshingamateka na nkenguzamateka bavuga ko "hazokorwa ibishoboka vyose" kugira ngo ibikorwa vyazo ntibihungabane cane, ariko vyitezwe ko bizofata amezi atari make kugira ngo iyo nyubakwa isubire gukora.

Umukuru w'igisagara wa Cape Town Geordin Hill-Lewis avuga ko ingoro y'iki gisagara izoba irakoreshejwe mu manama y'inama nshingamateka na nkenguzamateka.

Ni umuriro ugize kabiri mu kiringo c'umwaka. Mu kwa gatatu kw'umwaka uheze, haradutse umuriro uvuye ku ngorane z'umuyagankuba.