South Africa: umuriro ukomeye wateye inyubakwa y'inama nshingamateka i Cape Town

Yatangajwe

Umuriro mwinshi wateye inyubakwa z'inama nshingamateka na nkenguzamateka mu gisagara ca Cape Town muri Afrika y'Epfo.

Ireresi yerekana umwotsi wirabura wuzuye ikirere, mu gihe imbeya z'umuriro zariko zibonekeza mu gisenge c'iyo nyubakwa.

Abajejwe kuzimya imiriro y'ivyaduka batari bake bari kuri iyo nyubakwa aho bahanganye n'uyu mucanwa.

Ntibiramenyekana neza icateye uwu muriro.

Iri sanganya ryabaye haciye amasaha makeya wa musenyeri Desmond Tutu ashinguwe mw'isengero nkuru St George hafi y'iyi nyubakwa.

Abategetsi bavuga ko uwu muriro watanguriye mu biro vy'igorofa ya gatatu uca ukwiragira n'umuvuduko munini, nk'uko bivugwa n'umunyamakuru wa BBC i Johannesburg, Nomsa Maseko.

Nta wakomeretse canke ngo ahasige ubuzima kandi nta kintu na kimwe cerekana icoba cateye uwo muriro, nk'uko uyu munyamakuru abandanya abivuga.

Abajejwe kuzimya imiriro y'ivyaduka n'abajejwe ubutabazi bavuga ko bishobora gufata ayandi masaha ashika kuri ane kugira ngo uwu muriro utuzwe burundu kubera amatapi n'imbaho bishashe muri iyo nyubakwa.

Mu ntango, umushikiranganji ajejwe inyubakwa za reta, Patricia de Lille, yari yavuze ko bashoboye kuzimya uwu muriro mu gice c'Inama nkuru y'Intara (ari yo nama nkenguzamateka), ariko igice c'inama nshingamateka cari kicaka.

Umukozi wo mu biro vy'umukuru w'igisagara ca Cape Town ari mu murwi ujejwe umutekano, JP Smith, yabwiye abanyamakuru ko igice c'igisenge cari casambutse kandi ko na bwa buhinga bwo kugabisha butarekuye amajwi igihe uwo muriro waduka.

"Igisenge c'iyi nyubakwa casenyutse ku ruhande rumwe kandi umuriro wafashe igice gishasha c'ingoro y'inama nshingamateka, nk'uko bivugwa n'abategetsi.

"Babonye imigaga minini mu ruhome, ibi bigatera amakenga.

"Abajejwe kuzimya imiriro y'ivyaduka bavuga ko bashitse kuri iyo nyubakwa umwanya utari muto imbere y'uko ubuhinga bwo kubona imiriro bwiyugurura hanyuma bukarekura ijwi ryo kugabisha. Rero biraboneka ko hari ukuntu ubu buhinga bwatevye".

Abagize inama nshingamateka muri kino gihe bari mu karuhuko.

Inyubakwa z'inama nshingamateka na nkenguzamateka i Cape Town zigizwe n'ibice bitatu, aho ikimaze igihe kirekire ari ico mu 1884. Ibice vya vuba ni ivyo mu myaka ya 1920 na 1980 bikaba ari ivyo inama nshingamateka.

Mu mwaka uheze, umucanwa warononye igice kimwe c'ububiko bw'ibitabo vy'ishure kaminuza ya Cape Town, bwarimwo ibitabo bidasanzwe vyo muri kahise.