Inama nshingamateka ya South Africa: Umugabo yafashwe kubera uwo muriro

Yatangajwe

Hari umugabo yafashwe inyuma y'aho umuriro wadukiye ukonona cane inyubakwa z'inama nshingamateka mu gisara ca Cape Town co muri Afrika y'Epfo.

Uwo yikekwa, asanzwe atari umukozi wo muri izo nzego, azorenguka muri sentare ku wa kabiri, akaba ashobora kwagirizwa ivyaha vyo gukongereza umuriro, kumena inzu no kwiba, nk'uko igiporisi kivuga.

Abazimya imiriro bakoze amasaha menshi kugira bawuzimye.

Prezida Cyril Ramaphosa yavuze ko ari "ikintu giteye ubwoba kandi kirenze", yemeza ko ibikorwa vy'inama nshingamateka bizobandanya.

Video y'aho kuri izo nyubakwa ku wa Mungu yerekanye umwotsi wirabura uriko urafumba wuzuye ikirere, imbeya nazo ziriko ziraka ziva kw'isunzu ry'inzu ry'iyo nyubakwa.

Abategetsi bavuga ko umuriro wahereye mu biro vyo kw'igorofa ya gatatu uca ukwira vuba ahakorera inama nshingamateka, nk'uko bivugwa n'umunyamakuru wa BBC , Nomsa Maseko ari Cape Town.

Inama nshingamateka ubu ntiri mu bikorwa kubera ibiruhuko, nta n'umwe yakomerekeye muri uwo muriro.

Igipori kivuga ko uwo yikekwa, bivugwa ko yinjiye muri iyo nyubakwa aciye mw'idirisha ry'inyuma , yitetezwe kwagirizwa hisunzwe itegeko National Key Act, rikingira ibibanza bihambaye.

Bivugwa ko abacungera umutekano bakoreshwa n'inama nshingamateka biyongera ku giporisi batahembwe ku gihe kandi ko batari ku kazi, nk'uko Jean-Pierre Smith, wo mu nama y'umutekano y'igisagara ca Cape Town, yabwiye BBC World Service.

Inama nshingamateka yavuze ko ibiro bimwe "vyasinzikaye cane", kandi yemeza ko "hononekaye vyinshi" ku ruhande rwa New Assembly Wing , ari narwo rurimwo icumba c'aho abashingamateka bicara.

Uwo muriro, wadutse inyuma gato y'isaha cumi na zibiri zo mu gitondo mu masaha ya Cape Town ( isaha icumi zo mu gitondo ku masaha mpuzamakungu), washitse umunsi hariko harashingurwa Musenyeri mukuru Desmond Tutu muri Cathedrale St Georoge , hafi y'inama nshingamateka.

Inyubakwa z'inama nshingamateka na nkenguzamateka i Cape Town zigizwe n'ibice bitatu, aho ikimaze igihe kirekire ari ico mu 1884. Ibice vya vuba ni ivyo mu myaka ya 1920 na 1980 bikaba ari ivyo vy'inama nshingamateka.