Burundi: Abababa cumi baraye bakomeretse mu gitero ca grenade i Bujumbura

Bujumbura
Yatangajwe

Abantu bababa cumi ni bo baraye bakomerekeye mu gitero c'igisasu ntezwantoke (grenade) cabaye nijoro hafi y'isaha zibiri n'iminota 15 (20h15), muri zone Bwiza ya komine Mukaza.

Musitanteri wa komine Mukaza, Rénovat Sindayihebura, yabwiye BBC ko iyo grenade yatewe hagati y'ibarabara rya gatatu n'irya kane mu kazu basanzwe barabiramwo amasinema.

Kubw'iwe, iyo grenade ishobora kuba yatewe n'umwe mu bari muri ako kazu bariko barabiramwo amasinema.

Avuga kandi ko ababikoze bashobora kuba bari bafise umugambi w'ubusuma canke uwundi mugambi w'ubukozi bw'ikibi.

Igipolisi c'Uburundi ntaco kiratangaza kuri ibi vyaraye bibaye mu Bwiza.

Musitanteri wa komine Mukaza avuga ko ari ibintu bibabaje kuko kibaye "hari haciye imisi itatu twarafashe ingingo y'uko ayo ma 'salles' yose yokwugarwa kubera ikiza ca corona kuko twabona ko abantu babandanya barundana kandi ata n'ingingo zo kwikingira bakurikiza".

Rénovat Sindayihebura avuga ko batatu ari bo baboneka ko bavuye amaraso menshi ariko ko abaganga basanze ata n'umwe yababaye cane.

Ati: "Abandi ni abantu bari bakomeretse buke buke, abaganga bakaba barabafashije barasubira mu zabo".

Atera akamo bose kuba maso kugira ngo muri ino misi y'imisi mikuru bashobore kuyihimbaza mu mutekano, bakamenyesha hakiri kare ikintu ico ari co cose biketse.

Ati: "Ntitwipfuza y'uko tuzokwama tuja gutabara abenegihugu bamaze kugira ikibazo, twipfuza y'uko izo nkozi z'ikibi zikora ibintu nk'ivyo ziteshwa".

Umwe mu banyagihugu baho yabwiye BBC ko ahabereye ubu bukozi bw'ikibi no mu micungararo yaho muri kino gitondo ubuzima bubandanya ata ngorane.

Si bwo bwa mbere hibonekeza abantu batera ama grenade mu bibanza bimwe bimwe vya Bujumbura, icaheruka kikaba ari icabaye mw'ijoro ryo ku wa 20 z'ukw'icenda uno mwaka, aho ibisasu bitari bike vyatewe mu bibanza bitandukanye bigahitana abantu babiri abandi batari bake bagakomereka.