Burundi: Reta ivuga ko abantu babiri baguye mu gitero c'amagrenade ku wa mbere i Bujumbura

Bujumbura
Yatangajwe

Reta y'Uburundi imenyesha ko abantu babiri ari bo baraye bahitanywe n'ibisasu ntezwantoke vyaraye bitewe n'abantu bataramenyekaka i Bujumbura, umugwa mukuru w'ubutunzi, kuri uyu wa mbere ku mugoroba.

Itangazo risohowe n'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n'umutekano rivuga ko ibisasu bibiri ari vyo vyatewe ku gituro c'amamodoka mu gisagara hagati, "gihitana umuntu uwundi ahava acikana ashikanywe n'inyamiramabi kwa muganga".

Rivuga kandi ko hari ikindi cagiye guterwa hafi y'isoko ya Jabe muri zone Bwiza.

Ubu bushikiranganji bumenyesha ko ivyo bisasu vyakomerekeje "n'abandi bantu harimwo umwe yababaye cane".

Nta muntu canke umurwi uriyitirira ibi bitero.

Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n'umutekano buvuga ko "ubwo bubisha bw'iterabwoba butagira izina buza bwerekana ko n'igihugu cacu na co nyene gifise amangenege y'iterabwoba".

Bumenyesha kandi ko amatohoza akiriko arakorwa.

Busaba abanyagihugu kuguma batekanye ariko bakaguma barikanuye, "na cane cane mu bibanza bihurirwamwo n'abantu benshi".

Bahamagarirwa kandi "kudoma urutoke kuri uwo wese canke ico cose biketse ko gishobora guhungabanya umutekano".

Mu kwezi kwa gatanu hari habaye ibitero nk'ivyo nyene mu bice bitandukanye vy'igisagara ca Bujumbura nyene.

Reta y'Uburundi yavuze ko ari ibitero vy'iterabwoba.

Navyo nyene nta murwi canke umuntu yigeze avyiyitirira n'ubwo uburyo bikorwa bisa n'uko biba bifise uwubihuza.

Kwiruka irya n'ino

Umwe mu bo grenades zaturitse ageze hafi y'ama bisi avuga ati "Hari hafi nk'isaha imwe y'ijoro".

Ababibonye bavuga ko abantu baciye bashwiragira irya n'ino mu mpande zose z'igisagara.

Mu majwi bahanahanye ku buhinga bwa none - ariko BBC itashoboye guhinyuza - hari abumvikana bari ahazwi nka Plazza batabariza abakomeretse ngo harungikirwe ambulance zo kubajana kwa muganga.

Bibaye mu gihe mw'ijoro ryo ku wa gatandatu rishira uwa mungu harumvikanye ibisasu mu micungararo y'ikibuga mpuzamakungu c'indege ca Bujumbura.

Umuhari Red Tabara w'abitwaje ibiganiro waremanze ko ariwo wateye ivyo bisasu.

Ariko imirimo yagumye irangurwa kuri ico kibuga harimwo no kwakira indege mpuzamakungu.