Sudan-Darfur: Abashika 50 basize agatwe mu mirwano kubera telefone

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abajejwe intwaro muri Sudani bavuga yuko abantu bashika mirongo itanu baguye mw'itana mu mitwe rifatiye ku moko mu ntara ya Darfur iri mu burengero.
Abo bajejwe intwaro bavuze yuko ivyo vyabereye mu muji wa Kreinik igihe haduka ugushwana kubera telefone ngendanwa (mobile phone) bicikamwo kurwana kurimwo no kwicana.
Itana mu mitwe hagati y'Abarabu n'abatari Abarabu aho i Darfur ryarabaye ndanse muri ano mezi aheruka.
Ishirahamwe mpuzamakungu rivuga yuko mirongo itatu kw'ijana vy'abanyagihugu ba Sudani bazoba bakeneye imfashanyo mu mwaka uza, bakaba ari bo benshi mu myaka cumi.
Sudani ifise ibibazo vyinshi bitandukanye birimwo ubwicanyi bufatiye ku moko n'impunzi zishika umuriyoni n'ibihumbi amajana abiri.
Hari kandi n'ikibazo ca politike casubiye kwaduka nyuma y'ugutembagaza ubutegetsi kwabaye mu kwezi kwa cumi.
Ibindi wosoma kuri Sudani:
- Sudan: 14 biciwe mu myigaragambyo y'abaharanira demokarasi – ibivugwa n'abaganga
- Sudan: Igisirikare kigiye gusubizaho umushikiranganji wa mbere Hamdok yaheruka kubogozwa
- Sudan: Igisirikare cyasubijeho Minisitiri w'intebe w'umusivile Abdalla Hamdok cyari cyahiritse
- Sudan: Al Jazeera ivuga ko umunyamakuru wayo wo ku rwego rwo hejuru yafunzwe






