Sudan: Igisirikare kigiye gusubizaho umushikiranganji wa mbere Hamdok yaheruka kubogozwa

Ahavuye isanamu, Reuters
Umushikiranganji wa mbere wa Sudani yari aherutse kubogozwa mu kwezi guheze, Abdalla Hamdok, agiye gusubizwa ubutegetsi, inyuma y'igihe yari amaze mu minwe y'igisirikare cari camubogoje.
Abahuza bavuga ko abapfungiwe ivya poritike bose bazorekurwa nk'uko biri mu masezerano yashitsweko hagati y'igisirikare, abategetsi b'abasivire hamwe n'imirwi y'inyeshamba yahoze irwanya reta.
Ku wa 25 z'ukwa cumi, umutegetsi wa gisirikare yatangaje amategeko adasanzwe, kandi ko ubutegetsi bwa gisivire buhagaritswe.
Ibi vyatumye haduka imyiyerekano y'urutavanako yahitanye abantu batari bake bahasize ubuzima.
Aya masezerano yashitsweko nijoro ku wa gatandatu mw'ijoro, akaba yiteze kuja mu ngiro kuri uyu wa Mungu, nk'uko vyemezwa n'umukuru w'umugambwe Umma Party, Fadlallah Burma Nasir.
Umurwi w'abahuza, wari ugizwe n'abigisha bo mu mashure ya kaminuza, abamenyeshamakuru n'abanyaporitike, barasooye itangazo ryerekana ibiri muri aya masezerano.
Rivuga ko umushikiranganji wa mbere Hamdok n'abagize reta yiwe bapfunzwe igihe ubutegetsi bwiwe butembagazwa bazorekurwa kandi ko azoca asubira mu kibanza ciwe c'umushikiranganji wa mbere.
Rivuga kandi ko amategeko agenga ubutegetsi mfatakibanza bwa Sudani butegura intwaro rusangi azoca asubizwaho.
Abategetsi ba gisirikare n'abasivire barumvikanye ingene basangira ubutegetsi kuva mu kwa munani 2019, inyuma y'aho intwaro y'uwari arongoye iki gihugu imyaka myinshi Omar al-Bashir itembagarijwe.
Uwu mwumvikano wagiye gutosekara mu kwezi uheze igihe umutegetsi wa gisirikare Jenerali Abdel Fattah Abdelrahman Burhan akuriyeho uruhande rwa gisivire ruri muri reta, aca apfunga abategetsi barwo.
Yavuze ko atari itembagazwa ry'ubutegetsi, ko ahubwo yari ingingo yari ikenewe kugira ngo ntihabe intambara yari igiye kwaduka kubera abanyaporitike bariko bagumura abanyagihugu babateranya n'inzego zijejwe umutekano. Yaciye yigena nk'umukuru w'inama nkuru irongoye igihugu, akikijwe n'abasirikare hamwe n'abahoze bahoze barongoye iyari imirwi y'inyeshamba.
Mu bisagara bitari bike harimwo n'umugwa mukuru Khartoum, abari mu myiyerekano barazibiye amabarabara baturira n'amapine, mu kwerekana agashavu kabo ko utwigoro two gushika ku ntwaro rusangi twanigiwe mu menshi. Igisirikare caciye gikoresha inguvu, mbere kikagirizwa ko carashe abari muri yo.
Aya masezerano mashasha aje mu gihe hari hategekanijwe iyindi myiyerekano kuri uyu wa Mungu.
Amakungu yariyamirije iri tembagazwa ry'ubutegetsi anasaba ko abapfungiwe ivya poritike barekurwa. Ibanki y'isi yarahagaritse imfashanyo yahabwa Sudani, Ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Afrika naryo rica rihagarika iki gihugu.










