Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kamala Harris: Ni we mugore wa mbere yahawe amabanga y'umukuru w'igihugu wa US (mu kiringo gito)
Icegera c'umukuru w'igihugu wa Amerika Kamala Harris ni we yaraye abaye umugore wa mbere ahawe amabanga yo kurongora igihugu - mu kiringo gito - igihe Joe Biden yari ku bipimo yama akorerwa.
Umupfasoni Harris, 57, yamaze iminota 85 ari we arongoye igihugu, mu gihe Perezida Biden yari yatewe ya miti yo gusinziriza kugira ngo akorerwe ibipimo vya colonoscopie/colonoscopy ejo ku wa gatanu.
Umuganga asanzwe akurikirana amagara ya Biden yasohoye itangazo inyuma y'ukumupima, avuga ko amagara yiwe ameze neza kandi ko afise ububasha bwo kubandanya n'amabanga yiwe yo kurongora igihugu.
Ibi bipimo yabikorewe buca ahimbaza isabukuru yiwe y'imyaka 79 y'amavuka.
Umupfasoni Harris ni we mugora wa mbere - akongera akaba n'umwiraburekazi wa mbere w'umunyamerika akomoka muri Aziya y'ubumanuko - yatowe nk'icegera c'umukuru w'igihugu wa Amerika.
Umunyamabanga ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy'umukuru w'igihugu Jen Psaki yavuze ko iki gikorwa co gushikiriza amabanga y'umukuru w'igihugu mu mwanya muto mu bihe nk'ibi atari ubwa mbere kibaye, kandi ko bisanzwe bitegekanijwe mw'ibwirizwashingiro rya Amerika.
Umupfasoni Psaki ati: "Niko vyagenze igihe Perezida George W Bush agirirwa ibipimo nk'ivyo mu 2002 na 2007".
Perezida yasubiye muri Maison Blanche/White House atwengatwenga. Yavuze ati: "Numva mfise inguvu".
Kevin O'Connor asanzwe akurikirana amagara yiwe ati: "Perezida Biden aracari umugabo afise amagara meza, akomeye, ku myaka 78, afise ubushobozi bwo kurangura amabanga yiwe nk'umukuru w'igihugu".
Kevin O'Connor, yavuze ko ibipimo vya colonoscopy vyasanze afise "akavyimba gato (polyp)" kakuweho bitagoranye na gato.
Biden, umuperezida wa Amerika wa mbere ashikiriye ubutegetsi ashaje gusumba abandi bose, yaheruka gupimwa ibipimo bikomeye mu kw'icumi na kabiri 2019.
Ico gihe, umuganga wiwe yasohoye itangazo avuga ko yari "ameze neza, akomeye" kandi "afise ubushobozi bwo kurangura amabanga y'umukuru w'igihugu.