Kenya: Abanyororo 3 bari bapfunzwe kubera iterabwoba bari batorotse ibohero rya Kamiti bafashwe

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abanyororo batatu Mohammed Ali Abikar, Joseph Juma Odhiambo na Musharaf Abdallah Washiali azwi kandi ku mazina ya Shukri Alex Shikanda bari bapfunzwe bagirizwa iterabwoba baheruka gutoroka ibohero rya Kamiti bafatiwe mu karere ka Kitui bari mu nzira bagana igihugu ca Somalia.
Ubu bari mu nzira bagarukanwa mu gisagara ca Nairobi.
Bari batorotse bava mw'ibohero ricungerewe cane batoboye uruhome rwaryo.
Mu gutoroka bakoresheje uburengeti n'intsinga bapfundikanije mu gukora umugozi bakoresheje mu kwurira impome zibiri ndende z'iryo bohero.
Ivyo vyatumye bamwe mu bajejwe gucungera ibohero rya Kamiti bagirizwa gufasha abo banyororo gutoroka.
Umukuru w'urwego rucungera amabohero yarakuwe mu mabanga yiwe kubera izo ntagondwa zatorotse.
Mw'itangazo, umukuru w'igihugu ca Kenya Uhuru Kenyatta yavuze ko ingingo yo gusubiriza Wycliffe Ogalo ica ija mu ngiro ubwo nyene kugira "habazwe uko ibintu vyagenze mu nzego zose z'umutekano".
Ku musi wa gatatu, prezida Kenyatta yaciye ategeka inzego z'umutekano gukoresha "uburyo bwose" buhari kugira abatorotse basubire gufatwa.
Ikinyamakuru Daily Nation cashize ifoto ku rubuga rwaco rwa Twitter yerekana abo bagabo batatu baboshe, kinavuga ko bafashwe.
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookie n'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa
BBC ntibazwa ibivuye ku zindi mbuga
Nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru Daily Naition, abajejwe umutekano mu karere ka Kitui bari bamaze umwanya bagavye inyuma y'aho ababa muri ako karere baboneye abo banyororo batatu batorotse.
Umukuru w'igipolisi muri Kitui Leah Kithei yavuze ko kuva kare cane kuri uyu wa kane, abajejwe umutekano muri ako karere harimwo abakuru n'ivyegera vyabo bari bagavye.
Umupfasoni Kithei yabwiye Daily Nation ati: "Iyo nkuru kandi yahawe bagenzi bacu bo mu turere twegeranye twa Tanariver na Garissa.
"Bakaba ari bo, nta nkeka turabafata. Ni umwanya n'umwanya gusa."
Abantu baba muri ako karere baratanze inkuru ko babonye abo bagabo batatu, bagirizwa ko ari abicanyi bariko bararonderwa inyuma yo gutoroka ibohero ku musi wa Mungu, ahantu hari amaduka muri ako karere kanini.
Bavuze ko abo bantu batatu, baboneka nk'abantu barushe kandi banyotewe, bagura amazi menshi, amata, imikate n'ibisuguti mu maduka yo muri ako karere kandi baca bariha amahera.
Nk'uko biri muri ico kinyamakuru, abanyagihugu baciye batangura kubikeka inyuma yo kubaza inzira ija mw'ishamba rya Boni riri mu karere ka Lamu.





