Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi: Girumuco Téline atambukira inzu y'imideli Yves St Laurent ati: 'Nakunze umudeli kubera dawe'
Umurundikazi Girumuco Téline Féerie afitaniye amasezerano y'umudeli n'inzu rurangiranwa yo mu Bufaransa Yves Saint Laurent, avuga ko yabikunda kuva akiri umwana.
Uwo mwigeme avuga ko yatanguye umwuga w'umudeli mu 2016 mu nzu [agence] yitwa Winners' fashion.
Agira ati:" Nabikunze nkiri umwana. Ngira aho nabirabira cane hari ku muvyeyi wanje, dawe; yakora mu bintu vy'impuzu."
Indoto za Téline ngo zari izo kwambika abantu, agakora impuzu mu Burundi abantu ntibabe bakizikura mu mahanga.
Uwo mwigeme yiga mu gisata co gutumatumanako amakuru ngo afise umugambi wo kuva muri ico gisata aje gutangura kwiga gushona imideli.
Agitangura ivyerekeye imideli mu Burundi ngo abantu ntibabibona neza.
Agira ati:" Abantu babona umenga ndiko ndata akaranga. Abavyeyi banje naragize Imana barantahura bakaza baranshigikira, ariko nk'abandi babibona mu mibano, ntibabibona neza, ariko ubu bariko barabitahura kubera babona urwego maze gushikako."
Abandanya avuga ko akiri mu Burundi yagize ivyigwa nkarisha bwenge vyo gushona impuzu, abantu bakabifata nabi, kuko ntibatahura ingene yari azi ubwenge mw'ishure ariko akaja mu vyo gushona impuzu.
Yaragira kandi n'ibindi vyigwa bijanye no gushona ku buhinga bwa internet, abamwigisha bakaba bari mu gihugu c'Ubufaransa.
Téline afise uburebure bwa metero 1.76, akaba apima ibiro 48.
Atera akamo urwaruka na cane cane abigeme gukora cane kuko kenshi mu Burundi imyuga itamenyerewe badakunze kuyishigikira, bigasaba kugira inguvu nyinshi.
Nta Mwuga Udakiza ni ikiganiro c'uruhererekane (Series) kizajya gihita kuri radio buri wa gatatu, no ku rubuga rwa BBC Gahuzamiryango.
BBC Gahuzamiryango ihaye ikaze ibitekerezo vyanyu kuri iki kiganiro.