Urugendo rwa Samia Suluhu mu Burundi: Hashizwe umukono ku ngingo 8 nyamukuru

Ahavuye isanamu, Ntare Rushatsi House
Ku munsi wa mbere w'urugendo rwa Prezida wa Tanzania, Samia Suluhu Hassan, mu Burundi hashizweko umukono ku ngingo umunani hagati y'ibihugu vyombi.
Nyuma yo kwakirwa n'icegera ca kabiri c'umukuru w'igihugu w'u Burundi, Bwana Prosper Bazombanza, ku kibuga c'indege Melchior Ndadaye, Mama Suluhu yaciye aja mu mubonano na mugenzi wiwe Evariste Ndayishimiye.
Nk'uko bitangazwa n'urubuga rw'ibiro vy'umukuru w'u Burundi, abo bakuru bombi bahejeje kubonana haciye hashirwako umukono ku ngingo umunani zikurikira:
- Gusangira ijambo mu bijanye n'ivya politike hamwe n'imigenderanire;
- Ibijanye n'igisata c'ubutare;
- Ibijanye n'igisata c'amasoko ntanganguvu;
- Ku kwigisha Igiswahili mu Burundi n'Igifaransa muri Tanzania;
- Ibijanye n'igisata c'amagara;
- Ibijanye no guhanahana impfungwa;
- Ibijanye n'uburimyi;
- Hamwe n'ibiraba igisata c'uburovyi.

Ahavuye isanamu, Presidence de la Republique du Burundi
Mu nyuma basohoreye hamwe urwandiko aho umukuru w'igihugu ca Tanzania Mama Suluhu Hassan yamenyesheje ko ashimishwa n'intambwe mugenzi wiwe w'u Burundi Evariste Ndayishimiye ashitseko mu gutsimbataza amahoro n'umutekano.
Yanavuze yuko vyigaragaza ko leta ya Bwana Ndayishimiye ikora ibishoboka vyose ngo inagure ibutunzi, ikomeze ubumwe mu banyagihugu hamwe na demokrasi mu gihugu.
Ku bwiwe Prezida Ndayishimiye yakengurikiye Tanzania ku kuntu itigeze ihengeshanya gufata mu mugongo u Burundi n'Abarundi kuva bwatangura kwadukamwo indyane mu myaka ya 1972, yaba gushigikira mu rwego rwa politike canke kwakira impunzi.
Yasubiye kwibutsa uruhara rwa Tanzania mu gushikana Abarundi ku masezerano y'amahoro ya Arusha yo mu mwaka wa 2000.

Ahavuye isanamu, Mairie de Bujumbura
Abo bakuru b'ibihugu bashimye gukurwa kw'u Burundi ku rutonde rw'ivyihwezwa n'akanama ka ONU kajejwe umutekano hamwe no gukurwako kw'ibihano vyafashwe n'ishirahamwe rya Buraya.
Basavye kandi ko ibihano vyose vyafatiwe u Burundi kuva mu mwaka wa 2015 vyovanwako kubera intambwe imaze guterwa.
Abakuru b'ibihugu bombi bafise vyinshi bahuriyeko
Prezida Mama Samia Suluhu Hassan na Prezida Evarister Ndayishimiye bafise vyinshi bahurizako cane cane uravye ku ngingo bamaze gufata kuva bashika ku butegetsi.
Uravye bompi baracari bashasha ku butegetsi, Ndayishimiye w'imyaka 53 abumazeko umwaka umwe mu gihe Samia Suluhu w'imyaka 61 abumazeko amezi ane gusa.
Kuva bompi bashikiriye ubutegetsi, bagaragaje impinduka, cane cane mu bijanye n'imigenderanire n'ibindi bihugu ugereranije n'abo basubiriye.
Ba Perezida John Magufuli na Pierre Nkurunziza - bompi batakiriho - ntibari bakunze kurenga imbibe z'ibihugu vyabo.
Mu gihe gito bamaze ku butegetsi, Ndayishimiye na Samia Suluhu bateye intambwe iboneka ubwabo mu kugendera abo bashakako umubano mwiza mu bindi bihugu.
Urugendo rwa Samia Suluhu Hassan mu Burundi rwitezwe gutsimbataza gusumba umubano umaze igihe kirekire waranze ibi bihugu.












