LaTonya Myers: "Nize amategeko mw'ibohero, ubu nshaka guhindura uko ubucamanza bukora"

LaTonya yakanguwe mw'ijoro n'induru hamwe n'amajwi. Umugabo wa nyina yari yatanguye gukubitana cane asa n'uwufise ingorane mu mutwe, hanyuma ico gihe ni na ko yakwega igitanda cabo akijana hanze.
LaTonya yaciye avyuka abona uwo mugabo wa nyina ariko arakoma induru ari na ko yinjiza urutoke mu gutwi kwa nyina.
Avuga ati: "Nibaza ko nshobora gutabara mawe."
Yaciye afata ikintu k'igicupa arakimukubita. Yaciye aja kuri telefone yo kw'ibarabara aca ahamagara abapolisi.
LaTonya agira ati: "Nibaza ko ico ntegerezwa gukora ari ukuvugisha ukuri, bazoca babona ko uwo mugabo yaduhohotera twe n'umuvyeyi wanje."
Ariko igipolisi cahisemwo kumutwara aboheshejwe amapingu, kimwagiriza n'ivyaha bikomeye. Yari afise imyaka 12.
Mu kiringo c'imisi itatu, yaguma yicaye mw'ibohero arira cane nk'umwana atazi iyo umuryango wiwe uri, n'ibigiye gukurikira.
Agira ati: "Ndibuka ko bambajije inimero y'ikarata yanje ndangamubano (securite sociale). Nari mfise imyaka 12 sinari nzi ico ari co!"
Mu nyuma yarajanywe imbere ya sentare y'abana, uwumuburanira amuha inzira zibiri: kwemera icaha hanyuma ace arekurwa, canke gusubira mw'ibohero iyindi misi cumi hanyuma azoburane imbere ya sentare.
Ico LaTonya yipfuza gusa, kwari gutahana muhira na nakuru, yari amurindiririye hanze. Yaciye rero yemera ikosa atazi ico ari co kuba umwicanyi yahamwe n'icaha.
Avuga ati: "Ivyo naciyemwo vyatumye umutima wanje utakigira ikinya kandi uca urakanya. Inyuma y'aho vyose vyaciye bihinduka."
LaTonya yaciye ahungira ku bagenzi biwe bose bafise agashavu k'iyi isi, aca abandanya akora ibindi vyaha, nko gutunga inkoho no kunywa ibiyayuramutwe. Aranaja no mu migenderanire mibi cane n'abandi.
Ubu LaTonya afise imyaka 30, icaha yagirijwe akiri umwana ni co kikimuhama. Ariko n'ubu kiracamuremereye, nk'ibirokosima bateretse ku bitugu vyiwe.
Ivyo vyagize ingaruka mbi ku kuronka ahaba, kwiga n'akazi. Ivyo kandi vyatumye agenda arahabwa ibihano bikomeye ku vyaha yagenda arakora, harimwo n'ibiringo vyo kugenzurwa birebire.
Mu gisagara co muri Amerika ca Philadelphie mu 2018, umuntu umwe akuze kuri 22 bariko baragenzurwa canke bararekuwe vy'agateganyo. Muri bo harimwo LaTonya Myers, yari yagiye arakora ivyaha bito bito. Ariko, umushikirizamanza w'akarere yari yahawe amabanga muri uyo mwaka, yaciye asubiramwo amategeko - na LaTonya aca aba umuntu aharanira ko ibintu bihinduka.

Philadelphie, aho LaTonya yakuriye, hari igitigiri kidasanzwe kitamenyerewe c'abantu baguma bagenzurwa canke barekuwe vy'agateganyo, n'ukuvuga ikiringo co gukurikiranwa inyuma yo kurekurwa utararangiza igihano co gupfungwa. Mu bisanzwe ico gisagara ciswe igisagara kinini "kigenzurwa cane" co muri Amerika.
Mu 2018, umuntu umwe akuze kuri 22 - n'umwirabure umwe kuri 14 - bariko baragenzurwa canke bararekuwe vy'imfatakibanza, nk'uko biri mu cigwa c'igisata ca Justice League co muri kaminuza ya Columbia. Intara ya Pennsylvanie, Philadelphie irimwo, ni yo ntara ya mbere yo muri Amerika igenzurwa gusumba izindi.
Imwe mu mpamvu, n'uko ikiringo co kugenzurwa muri Pennsylvanie gishobora kuba kirekire gusumba umunyororo - igihano c'imyaka 20 y'igifungo gishobora gukurikirwa n'imyaka 20 yo kugenzurwa yiyongerako. .

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu 2018, abantu barenga igice c'abaja mu mabohero ya reta (54%) baba bakoze ivyaha bakiriko baragenzurwa canke bararekuwe vy'agateganyo.
Ariko mu kwezi kwa cumi na rimwe mu 2017, umushingwamanza yemeye gusubiramwo no ku muzi amategeko yo guhana ivyaha, yatorewe kuba umushikirizamanza w'intara ya Philadelphie.
LaTonya yakurikiranye imyiyamamazo ya Krasner ari mw'ibohero, aho yari arindiriye gucibwa urubanza ku caha co kubeshera uwundi yari yarezwe n'uwahoze ari umukunzi wiwe. Ico gihe yari yarahiye ararengwa kwemera icaha, yiyemeje kuburana.

Yaronse urupapuro rw'umutsindo rw'amashure yisumbuye ahejeje ivyigwa vyo kwitaho abasinzikajwe n'ibiyayuramwutwe. Inyuma y'aho, ni nk'uko yaciye aronka akazi k'ubuhinga mw'ipimiro (Laboratoire) rya kaminuza - abagira amatohoza baribonera ukuntu ari incabwenge, ariko baciye bamwirukana bamaze kubona ivyaha amaze gukora. Yaciye yemera akazi kabayabaye k'amahera make nk'umuzamu.
Avuga ati: "Vyari bisuzuguritse kubona ubwenge bwanje butitabwaho, ahubwo nza kugwana n'ingene abantu bambona. Ndibuka nibaza nti sinkishoboye kubika amahera canke gufasha umuryango wanje - narabuze ayo ncira n'ayo mira, numvise ncitse intege".
LaTonya yagumye azi neza ko hari urubibe ntarengwa hagati y'abifise n'abakene. Arasigura karatiye yiwe uko yari imeze, mu bumanuko bushira uburengero bwa Philadelphie, isa n'iyerekana "Ubukene", aho abana bategerezwa gukura ku nguvu kugira babeho. Abarenga igice mu bagenzi biwe bapfuye bakiri bato.
Ariko hirya gato gusa, hari inyubakwa za kaminuza ya Ivy League ya Pennsylvanie, iruhande yayo ni ho LaTonya yakunda kugendera kw'ikinga ariko arasama akayaga.
Avuga ati: "Hariho ubusomero bw'ibitabo, abantu bagaramye mu vyatsi bariko barasoma n'abariko barakina".

Ahavuye isanamu, Getty Images
LaTonya yagenda arihweza ibishushanyo hanyuma mu nyuma aza kumenya ko umuhinga muvyo imibano akaba n'umwirabure rurangiranwa WEB Du Bois, na we yahora atembera muri utwo tuyira. Aravuga ashimitse ko ivyo vyamuhaye inguvu zo kwiga, n'aho nyene atashaka kwiga kaminuza.
Asubiye gufungwa, LaTonya yamaze umwanya munini ushoboka mu kwiga imanza zaciwe zisa na gwiwe mu busomero bw'ibitabo.
Avuga ati: "Narize gusambura ibivuzwe n'icabona ndatora uburyo ntsinda urubanza rwanje - umushingwamanza wanje ntivyamuguye neza kuko nabandanya kumurungika ku manza zimeze nka rwanje zaciwe."
Yarafashije kandi abandi banyororo kwandikira amakete abacamanza babo.
Agira ati: "Cari kimeze nk'igihuhusi mw'ibohero - bose bararungika amakete n'ivyo badashima."
Mu nyuma LaTonya yarejejwe inyuma y'amezi icenda ari mw'ibohero ivyo bikaba vyabaye nk'impinduka zikomeye.
Amaze kurekurwa, yarahawe akazi mu biro vy'uwurenganura abantu, yatanga uburyo bwo gufasha abadashobora kwironkera abababuranira. Ni we yamubereye urumuri rwa mbere ku barekuwe barinze gutanga ingwati, afasha abantu bashobora gufungwa kubera badashobora kuronka ingwati batanga nk'abantu bakize.
Akazi kiwe kari ako kwegeranya inkuru zerekeye uwagirizwa no ku caha yakoze - harimwo nk'akarorero, nimba uwo muntu yakoze icaha ariko arivuna - bikaba vyashobora gufasha abamuburanira kugondoza umucamanza kudasaba ingwati y'umurengera.
Avuga ati: "Naduga ingazi ndi kumwe n'abashingwamanza n'abakozi bo mw'ibohero bambwiye nategerezwa kuba mpfunzwe canke ko ata co nagira. Narahagarara nshikamye nashize agatuntu imbere, umutwe ukanega uko nshoboye. "

Agishikira amabanga yo kuba umushikirizamanza w'iyo ntara mu kwezi kwa mbere mu 2018, Krasner yirukanye ivyegera vyiwe 31. Mu kwezi gukurikira, yamenyesheje ko abantu bafatanywe marijuana batazosubira kwagirizwa ivyaha vy'ubugizi bwa nabi, afata n'ingingo yo kugabanya igiciro c'abasaba 'kurekurwa batanze ingwati y'amahera', avuga ko ari akarenganyo ku bakene kumara umwanya munini bapfunzwe mu gihe abandi barekuwe.

Ahavuye isanamu, LaTonya Myers
Igihe LaTonya yarekurwa, yari azi ko ategerezwa kuzoza aritaba inama za buri ndwi mu kiringo c'imyaka 10 ari kumwe n'uwujejwe kumukurikirana, kubera ivyaha yari yarakoze. Iruhande y'ivyo, hariho kumugendera muhira canke ku kazi, kugirirwa ibipimo vy'ibiyayuramutwe n'inzoga igihe cose ahamagawe, no kubuzwa gucaruka ngo ave mu gisagara atabisabiye uruhusha.
Avuga ati: "Numva nataye ubwenge kandi nshavuye kuko ni nk'uko ukuguru kumwe kwari mw'ibarabara ukundi mw'ibohero."
Hari n'ivyamushikiye bitangaje aho yashimagijwe n'umukuru w'igisagara kubera akazi ko kuvuganira abantu aca araterwa ubwoba n'uwari ajejwe kumukurikirana, kuko ivyo birori vyo kumushikiriza agashimwe vyahurirana n'umusi yategerezwa kwitabirako muri iyo ndwi. Ivyo LaTonya yabifashe nk'uko uwo mupolisi yari ashishikajwe cane no kuraba aho ananirwa gusa gusumba intambwe yateye.
Abatavuga rumwe na Krasner bavuga ko Philadelphie harangwa umutekano kubera igikorwa co kugenzura abantu ata gukubita urugohe, ariko Sangeeta Prasad, umushingwamanza mu biro vy'umushikirizamanza, avuga ko ari ukwihenda.
Agira ati: "Igenzurwa cane ry'abantu rituma Philadelphie itarangwamwo umutekano ukwiye kuko rituma haba abapfungwa bazize amakosa mato cane igihe bariko baragenzurwa, bigatera uruhagarara mu kazi no muvyerekeye uburaro."
Nk'akarorero, n'aho gufatanwa canabis kitakiri icaha muri Philadelphie, bagupimye bagasanga wayifashe bishobora gufatwa nko kurenga ku mategeko agenga igenzurwa, ugashobora gusubira mw'ibohero.
Ku bakozi, ntibikwiye kugira inama y'umukozi n'abajejwe kumugenzura canke kubagenzurira ku kazi. Abafise amazu baraba kahise k'abaza kuyapanga bashobora kwanka kuyaha abakiriko baragenzurwa.
Prasad agira ati: "Mu kubandanya kugenzura abantu cane bikorwa n'igipolisi no gucunga cane abirabure b'i Philadelphie, bituma tugumiza ababa muri iyo ntara mu bukene. Ivyo ntibiduha umutekano."
"Umusi wose wiyongera ku muntu ari mw'ibohero, ugabanya ubushobozi bwo gukora n'imigenderanire myiza mu mibano; igihe cose ugiye gupfungwa, uba umuntu ushobora kuja mu bikorwa bibi igihe ico ari co cose."
Avuga kandi ko amasentare ashobora gutegeka ko umuntu 'aja kure y'ivyaha' canke 'yifata munyifato imujana mu caha', ivyo bigashobora gutuma umuntu ava mu muhana iwabo aho yigeze guciribwa urubanza aba.
Mu kwezi kwa kane uyu mwaka, ibiro vy'umushikirizamanza wa Philadelphie vyamenyesheje ko kuva mu 2018, igitigiri c'abantu bagenzurwa cagabanutseko ica gatatu, kiva ku 42.000 kija ku 28.000.
Icegeranyo kivuga ko igihe c'igenzurwa caragabanutse gushika ku mezi 10 muri ico kiringo nyene, "ata kintu kigaragaza ko habaye abisubirije gukora icaha".
Ubusumbasumbane bushingiye ku rukoba mu guca imanza na ko kwaragabanutse. Ubwa mbere, abirabure bagirijwe ivyaha bagenzurwa amezi 10,8 yiyongera kuyo abazungu. Ubu ubusumbasumbane bushika ku mezi 5,2. Ibiro vy'umushikirizamanza bigereranya ko gushika ubu, iyo ngendo nshasha yagabanije imyaka 95.600 y'igenzurwa.

Mu ci ryo mu 2019, LaTonya yarunguruje bitako aranatsindira kutabandanya kugenzurwa.
Vyamutwaye umwanya, kugira amenyere ko adakeneye gusaba uruhusha kugira aje ahantu canke kugira akore ikintu.
LaTonya asigura ati: "Biragoye kubera umaze kwishira ukizana, utegerezwa kwiyigisha mu bwenge bwawe ko usigaye wigenga."
Yavuye mu kazi mu biro bivuganira abantu igihe ikiza Corona catera mu 2020, kugira amare umwanya muremure yikorera mw'ishirahamwe ryiwe ritagira aho ryegamiye, ryitwa Above all Odds. Iryo shirahamwe rishigikira rikanahanura abantu bavuye mw'ibohero rikanabigisha amategeko abagenga - na cane cane abapfasoni n'abakundana basangiye ibitsina.
Avuga ati: "Ntegerezwa kwita ku rutare gushiaka abantu bose bamenye amategeko abagenga yo gutora n'ayo gusaba ko igenzurwa rihagarikwa kare,"
Igihe yavuga ivyo amaze gushikako, bamubwiye ko ibimwerekeye ata ho bisa bisana n'ibihumbi n'ibihumbi vy'abandi bakigenzurwa. Ariko aravuga ko ibimwerekeye bitazwi cane.
Avuga ati: "Rekura abantu gutyo bashobore gutera imbere - hakuba mu bwoba uguma wicura gupfungwa nk'ishoka iri ku gahanga."
Mu mwaka uheze, yarateguye ibirori vyo gutanga ubushimwe bwitiriwe igenzurwa bwo guha abantu bagenzurwa, umwanya udasanzwe wo kubibuka. Yatumiye abacamanza, abashikirizamanza hamwe n'abakozi bajejwe igenzura mu cizere ko bahindura uko babona abahoze ari abanyororo.
Abwira abateguriwe ubwo bushimwe imbere yo kwinjira aho butangirwa yagize ati: "Iyumvire ivyo umushikirizamanza n'umucamanza bakwiyumviriyeko. Babwire ko mutari ibitabwa, ko mutari ruhebwa."
Imbere yabo, LaTonya yaguma amwenyura anabagumbira. Ariko uretse ako kazi ko kuvuganira abandi, ashaka kandi kumara umwanya ariko yiyitaho kugira yirihe umwanya yamaze atishira ngo yizane.
Ati: "Nshaka kuguruka n'indege, nshaka gushira amaguru mu musenyi. Ibintu ntiyumvira ko nokora kubera nari narashegeshwe n'uko ibintu vyari vyifashe.









