Brussels: Bagiye kwitirira ibarabara indaya Eunice Osayande yishwe mu 2018

    • Umwanditsi, Na Megha Mohan
    • Igikorwa, Umunyamakuru ajejwe ibibazo bishingiye ku gitsina
  • Yatangajwe

Igisagara ca Bruxelles kivuga ko kigiye kwitirira ibarabara rishasha indaya y'umunya Nigeria aherutse kugandagurwa, nka kimwe mu bigize isekeza ryo guha iteka abakenyezi mu Bubirigi.

Abarongoye iki gisagara bavuga ko iri barabara rizokwitirirwa Eunice Osayande, yishwe acumiswe imbugita n'umwe mu bakiriya biwe mu kwa gatandatu 2018.

Uyu mwigeme yari yashitse ku mugwa mukuru w'Ububirigi mu 2016 yemerewe akazi keza kugira ngo yubake kazoza kiwe i Bulaya.

Yari azi ko abagabo bamutumyeko bari abakinyi b'amareresi bari bagiye kumugira igihangange mu gukina ama filime. Ariko yasanze bari abacuruza abantu.

Amaze kugera i Buruseri, ubwo nyene baciye bamuhatira mu bumalaya, akaba yabwiwe ko aheraniye aba bagabo ama-euros 45.000 arimwo ay'urugendo, agashimwe kabo hamwe n'uburaro.

Indwi nkeya imbere y'igandagurwa ryiwe, yarituye ishirahamwe ry'abadandaza imibiri yabo aho yaribwiye ko yakubagurwa agatotezwa muri ako kazi kiwe.

Yaratinya kuja kwitura igipolisi kubera ata bimuranga yari afise.

Mu kwa gatandatu 2018, afise imyaka 23, Osayande yacumiswe n'umukiriya imbugita incuro 17 zose mu karere ka Gare du Nord.

Haciye haduka imyiyerekano y'abimukira badandaza imibiri i Buruseri. Abayikoze basaba kworoherezwa mu kazi kabo, banasaba n'abategetsi b'akarere gushiraho amategeko agenga ico gisata.

Amategeko ntabuza ubumaraya mu Bubirigi ariko nta tegeko rihuriweko na bose mu gihugu cose.

Maxime Maes, arongoye ishirahamwe UTSOPI ry'abacuruza imibiri yabo i Buruseri, ni we yateguye iyi myiyerekano.

Uyu mupfasoni yabwiye BBC ati: "Urupfu rwa Eunice rwarababaje cane abantu benshi, cane cane ku bimukira bakorera mu karere yakoreramwo".

"Ubugizi bwa nabi bugenda bwiyongera muri ako karere, abagore ba ntahonikora bakaba ari bo babangamiwe cane".

Umusore w'imyaka 17 ni we yagirijwe urupfu rwa Osayande akaba arindiriye gucirirwa urubanza.

Bane mu bagize uyu murwi w'abacuruza abantu na bo nyene barahagaritswe, mu kwa mbere kw'uno mwaka, bakaba baciriwe iminyororo ishika ku myaka ine.

Mu kwitirira ibarabara rishasha umupfasoni Osayande, igisagara ca Bruxelles kivuga ko gishaka gushira ahabona "abagore bose bazira urucuruza rw'abantu, ubugizi bwa nabi bushingiye ku gitsina hamwe n'ubwicanyi bukorerwa abagore".

Iri barabara ni ryo rya mbere rizoba ryitiriwe indaya muri ico gihugu, nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru RTBF co mu Bubirigi.

Iri barabara rishasha ririko rirubakwa mu buraruko bw'igisagara ca Bruxelles ni rimwe mu yandi ari mu twigoro tw'abarongoye iki gisagara two kwitirira abagore ibibanza vyinshi.

Hari amabarabara aza yaramaze kwitirirwa abagore batari bake, harimwo Yvonne Nèvejean na Andrée De Jongh bari mu barwanije aba Nazi b'Abadagi muri ya ntambara ya kabiri y'isi yose.

Hari kandi n'ikiraro citiriwe Suzan Daniel, umubirigikazi yaharaniye agateka k'abari muri wa murwi w'abahuza ibitsina babisangiye.

Ans Persoons ari mu barongoye iki gisagara avuga ko ibice 42% vy'abagore mu Bubirigi bari hagati y'imyaka 16 na 69 bamaze gukubagurwa mu buryo ubu canke buriya.

"Uru rugero ni runini cane mu badandaza imibiri yabo. Iki ni co neza na neza gitumye Eunice Osayande yitirirwa ibarabara".

Iri barabara ricubakwa ryitezwe kwugururwa icese mu mezi make ari imbere.

Abarongoye iki gisagara bavuga ko imirwi y'abadandaza imibiri yabo hamwe n'abimukira bazotumirwa kugira bashikirize ijambo ku musi wo kuryugurura.