Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Zimbabwe: Sentare yemeje ko Mugabe ashobora gutabururwa
Umucamanza muri Zimbabwe yavuze yuko ikiziga c'uwahoze ari Prezida Robert Mugabe gishobora gutabururwa nyuma y'aho umurongozi kama avugiye yuko ipfubwa ryiwe ritakurikije umuco.
Mugabe, yaryamiye ukw'abagabo ku myaka 95 mu 2019, yashinguwe mu rugo rw'umuryango wiwe.
Ariko nyuma y'ukwumvirizwa na sentare y'akarere mu kwezi kwa gatanu, umurongozi kama yavuze yuko ipfubwa ryiwe ryarenze ku muco kama, nk'uko vyatangajwe n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters, ico gihe.
Inyandiko y'urwo rubanza yanditse mu rurimi rw'igi Shona ruri mu zivugwa muri Zimbawe igira iti "Ndatanze ububasha kuri abo babirekuriwe n'amategeko bwo gutaburura ibisigarira vy'umuhisi Robert Mugabe bigakurwa i Kutama bikaja gushingurwa mu kibanza c'intwari ca National Heroes Acre i Harare".
Umuryango wa Mugabe warunguruje kuri iyo ngingo, ariko umucamanza ahindura ubusa imburano zawo.
Uwo muryango ariko birashoboka ko wunguruza muri sentare ntahinyuzwa, nk'uko umunyamakuru wa BBC Shingai Nyoka abivuga.
Mugabe yatwaye Zimbawe kuva yikukira mu 1980 gushika mu 2017, igihe yatembagazwa.
Umuryango wiwe uvuga yuko yagumanye ishavu yatewe n'ukuntu yakuwe ku butegetsi kandi ko atashatse gupfubwa mu ntatemwa y'igihugu.