Africa mu mafoto muri iyi ndwi: Kuva 27 z'ukwa munani gushika 2 z'ukwa cenda 2021

Yatangajwe

Ihitamwo ry'amafoto meza kurusha ayandi yo muri Africa n'ahandi.

Short presentational grey line
Umuhinga wo muri Tunisia wo gucapa asiga amarangi ku mpome (Graffiti) , Kaisser Grojja, azwi kandi nka Wolf Gang, ariko arifotoza iruhande y'igicapo ciwe ca vuba ku ruhome mu gisagara ca Sidi Bouzid co muri Tunisia ku wa gatanu. 27/08/2021

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Umuhinga wo gucapa asiga amarangi ku mpome (Graffiti) , Kaisser Grojja, azwi kandi nka Wolf Gang, yashize igicapo ciwe ca vuba ku ruhome mu gisagara ca Sidi Bouzid co muri Tunisia ku wa gatanu.
Beach Soccer Football - FIFA Beach World Cup Russia 2021 - Semi-Final - Japan v Senegal - Luzhniki Beach Soccer Stadium, Moscow, Russia - August 28, 2021 Senegal"s Papa Ndour in action with Japan"s Takuya Akaguma

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ku wa gatandatu i Moscou, umunya-Senegal Papa Ndour asekanye n'umuyapani Takuya Akaguma mu rukino rushira igice ca nyuma c'ihiganwa ry'igikombe c'isi mu mupira w'amaguru wo ku musenyi, aho Ubuyapani bwatsinze 5-2.
A baobab tree is pictured during Senegal's wet season in Palmarin on August 30, 2021.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Muri Senegal ho, uwufata amafoto yerekanye ingaruka z'igihe c'imvura hafi y'ikigwati co ku nkengera ca Palmarin ku wa mbere...
A man ploughs his land during Senegal's wet season in Palmarin on August 30, 2021

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Ku murimyi umwe w'aho we ni igihe co kurima
A woman at Padwell Miriri's farm removes field grass inside an industrial hemp farm on August 27, 2021 in Mazowe, Zimbabwe

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Uburimyi bw'urumogi bwemewe n'amategeko buriko buratera imbere muri Zimbabwe , aho uwo murimyi ariko arabagara umurima wiwe ku wa gatanu.
Cherine Abdellaoui of Team Algeria celebrates after winning in the Women's -52kg Judo on day 3 of the Tokyo 2020 Paralympic Games at Nippon Budokan on August 27

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Kuri uwo munsi nyene, mu nkino za Paralympic (z'abagendana ubumuga) za Tokyo, umukinyi wa judo w'umugore Cherine Abdellaoui arigina gutahukana umudari w'inzahabu mu mugwi w'abaterenza ibiro 52kg ...
Tokyo 2020 Paralympic Games - Athletics - Women"s Shot Put - F41 Final - Olympic Stadium, Tokyo, Japan - August 27, 2021. Raoua Tlili of Tunisia in action

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Naho ku kibuga c'abanonotsi ku wa gatanu, umunya-Tunisia Raoua Tlili arateye umunana mu nzira yiwe yo gutahukana umudari wiwe wa mbere w'inzahabu muri izo nkino ...
Gihan Abdelaziz of Team Egypt competes during the women's -55 kg Powerlifting final on day 3 of the Tokyo 2020 Paralympic Games at on August 27, 2021

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Mu guterura ibiro vyinsjhi, umunya-Misiri Gihan Abdelaziz aritegurira guhiganwa mu gice ca nyuma c'abaterura gushika ku biro 55 , aho yabaye uw'indwi.
Costumed children from the local Shade performance group perform their show during the annual Brixton Burn in Johannesburg, South Africa, 28 August 2021. The annual event is run by members of the "Afrikaburn" community which is a regional event of "Burning Man" in the United States.

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Abana b'umugwi ukina ivyese (drama) wo mu gisagara ca Johannesburg mui Afrika y'Epfo , ku wa gatandatu bari mu mwambaro w'igiteramo ngarukamwaka kizwi nka Brixton Burn camuka kw'isabukuru rya Burning Man muri Amerika.
A student wears a face mask as she attends a lesson at the Oceanwaves Junior School just outside Harare, Zimbabwe, 30 August 2021. Schools have in Zimbabwe reopened for examination writing classes only after four months of a forced closure due an upsurge in the number of COVID-19 cases

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Abanyeshuri hafi y'umugwa mukuru wa Zimbabwe , Harare, bambaye udufukamunwa aho bariko barakorera ibibazo ku munsi amashure yasubiye gutangura ku wa mbere inyuma y'amezi ane yugaye.
A contestant gets ready backstage during the Miss Kenya beauty pageant in Nairobi, on August 28, 2021.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Ihiganwa rya Miss Kenya ryagarutse inyuma y'umwaka ritabaye kubera ikiza ca Covid, ku wa gatandatu abagore bakiri bato bakaba baronse akaryo ko kwerekana imyambaro yabo y'umugoroba kuri sene (scne) i Narobi
Military personnel from Mali take part in the "Emergency Area" competition round at the Mieu Mon National Training Center in Hanoi, Vietnam, 31 August 2021,

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Ku wa kabiri, abasirikare bo muri Mali basanganiwe n'umwotsi w'umuhondo ubwo bitavye inkino mpuzamakungu za gisirikare muri Vietnam.
Women discuss the state of the Nyiragongo volcano disaster at the Kayembe camp for displaced people, near Goma on August 30, 2021

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abantu ibihumbi 4 barimwo abo bagore bari kuri iyo foto yafashwe ku wa mbere, ntibagira aho bakika umusaya hazwi kuva amazu yabo asambuwe n'ifuruza ry'ikirunga ca Nyiragongo mu kwezi kwa gatanu mu buseruko bwa Congo Kinshasa.
Members of the Celestial Church of Christ, popularly known as the white garment church, perform a spiritual prayer at the seashore of the Atlantic in Lagos, Nigeria, 01 September 2021. The white garment church members, as they are popularly known, go to the seashore as part of their religious practices for deliverance from terminal diseases and spiritual healings. It is an age-long spiritual practice believed to be unique and bible-based.

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Muri Nigeria ku wa gatatu, abo mw'ishengero rya Celestial Church of Christ, rizwi cane nk'ishengero ry'abambara ivyera, bari mu migirwa y'amasengesho ku musenyi wa Atlantique i Lagos

Amafoto yose yitirwa bene yo