Igihuhusi Ida: Igitigiri c'abapfuye caduze gushika ku 45 muri US

Yatangajwe

Umukuru wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Joe Biden avuga ko hakenewe "uburyo bw'imbonekarimwe" kugira bahangane n'akaga k'ibihe, ubwo inkengera zo mu buraruko bushira ubuseruko zashegeshwe n'ibihuhusi vy'imvura vyahitanye abantu batari munsi ya 45.

Amerika ihanganye n'isamburwa ry'ibintu riturutse ku bihe mu gihugu cose, umukuru w'igihugu akavuga ko kubitorera inyishu ari ikibazo " c'ugupfa n'ugukira".

I New York City na New Jersey haguye imvura ku rugero rutari bwigere ruboneka. Bamwe mu bahaba batewe mu mazu yo mu kuzimu n'imiduga vyarengewe n'amazi.

Intara zitandatu zapfuyemwo abantu:

  • Umukuru w'intara ya New Jersey Phil Murphy yavuze ko abantu batari munsi ya 23 bapfuye mu ntara yiwe - benshi vyanse ko basohoka amamodoka yabo mu gihe amazi yariko araduga
  • Nibura abantu 14 batakaje ubuzima muri New Yok City , harimwo umwana w'umuhungu w'imyaka ibiri. 11 muri bo bishwe n'amazi (basomye nturi) aho yabateye mu vyumba vyo mu kuzimu, nk'uko bivugwa n'abategetsi.
  • Batanu barapfuye muri Pensylvania, umupolisi muri Connecticut nawe yatwawe n'amazi mu gihe yariko aritaba terefone
  • Haravugwa kandi abapfuye muri Maryland na Virginia

Prezida yatangaje ibihe bidasanzwe muri New Jersey na New York, ivyo bigatuma izo ntara zironka imfashayo yo ku rwego rw'igihugu yo gushigikira utwigoro two gutabara abahuye n'akaga.

Ntiraharamenyekana neza uruhara rw'ingaruka z'ihindagurika ry'ibihe kw'igarukagaruka ry'ibihuhusi, ariko turazi ko ukwiyongera kw'ubushuhe bw'amazi y'ibiyaga n'amabahari gutuma umwuka uri hejuru ushuha bikongereza inguvu zo gutwara ibihuhusi. Ibica bishika n'uko ivyo bihuhusi bica bishobora kuza bifise ingugu nyinshi kurusha hamwe n'imvura y'umurengera.

Isi imaze kwongereza ubushuhe gushika ku ma degre 1,2 kuva hatanguye gushingwa amahinguriro kandi ubushuhe buzobandanya bwiyongera kiretse ibihugu kw'isi bigabanuye bimwe bifadika imyuka yisuka mu kirere.

'Amazi nk'ayo amasumo ya Niagara'

Umukuru w'igisagara ca New York City Bill de Blasio yaneguye abahinga b'ibihe, avuga ko imburi zabo "bigaragara ko atarizo mu kiringo c'iminota gusa". Yavuze ko yari yaburiwe ko yokwitega santimetero (cm) ziri hagati ya 7,5 na 15 z'imvura kuri uwo munsi wose. Ariko haguye iyingana na santimetero (cm) hafi 8 muri Central Park mu gihe kitarenze isaha imwe gusa .

Yavuze ati: "Bikenewe ko dutangura kubwira abantu ko ibintu bizoba bibi gusumba hafi buri gihe cose".

Umukuru w'intara ya New York Kathy Hochul yavuze ati: "Gushika hagati y'isaha zibiri n'iminota 50 na sa cenda n'iminota 50 z'ijoro ryakeye ntitwari tuzi ko ijuru rizokwiyugurura rikarekurira urugero rw'amazi y'amasumo ya Niagara mu mabarabara ya New York."

Ababa muri ivyo bice bariko bararaba ivyononekaye ingene bingana. Umugabo umwe w'ahitwa Flushing i New York yavuze ko inzu yiwe yahora iterwa n'imyuzure "ariko ivyo nabonye nijoro bisiga ubwenge".

Tedla Asfaw w'imyaka 60 yabwiye BBC ati: "Sinari bwigere mbona aho amazi azanana inzira zose. Hari ibintu vyinshi vyononekaye. Twashegeshwe cane."

Muri New Jersey, igihuhusi cashenye ihinguriro rya mbere rinini ry'amata muri iyo ntara, kigurura amasunzu y'amazu kandi gihenura n'ibigega vy'ububiko.

Inka nyinshi zagotewe munsi y'impongore zasenyutse zimwe zirapfa, nk'uko nyene iraro (iyororero) rya Wellacrest yanditse ku rupapuro rwiwe rwa Faceook.

"Hamwe n'inzu nyinshi zasenyutse mu kibano cacu - twebwe, nk'abahaba, twatakaje vyinshi mw'isamburwa ry'iraro ryacu."

Muri New York, abantu 835 baratabawe bavanwa mu nzira za gariyamoshi (itereni) zo mu kuzimu nk'uko vyavuzwe n'igipolisi ku wa kane, inyuma y'aho amasanamu yo ku mbuga hwaniro yerekaniye amazi ariko arisuka mu bituro vyo mu kuzimu n'amayira y'izo gariyamoshi.

Ayandi masanamu ya video yerekanye imiduga iriko irareremba mu mabarabara yarengewe n'amazi , amaborogo ngo "dufashe" yumvikana hanze. Hafi imiduga amajana atanu yarahebwe muri New York, nk'uko vyandikwa n'itororokanirizo ry'amakuru Associated Press.

Abafata amatereni , indege n'ama bisi bavuze ingene bamaze amasaha n'ayandi batava aho bari mu gihe imyuzure yatumye kubandanya urugendo bidashoboka.