Africa mu mafoto muri iyi ndwi: 20-26 Ukwezi kw'umunani 2021

Yatangajwe

Amwe amwe mu mafoto meza cane muri Afrika n'ahandi.

Uwimika abami ahaye ingabire Umuganwa Tsola Emiko mu birori vyo kumwimika

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Ku wa gatantatu Umuganwa Tsola Emiko yimitswe (yambitswe urugori) nk'umwami mushasha , canke olu, wa Warri muri Nigeria.
Umwana w'umukobwa yifotoje afashe ibendera ry'igihugu ku munsi wahariwe ibendera ry'igihugu i Monronvia, muri Liberia, 24/08/2021

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Muri LIberia, abantu bari hanze guhimbaza umunsi wahariwe ibendera ry'igihugu ku wa kabiri mu kwibuka intahe yo kwikukira kuri Amerika.
Abantu bakoranye kandi bazungagiza amabendera mu kibanza c'abamaratiri, ku murwa mukuru wa Libya, Tripoli

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Muri Libya ho, abandi bakoraniye i Tripoli ku wa gatanu bibuka imyaka 10 iheze ico gisagara kivanywe mu minwe y'uwahora atwara ico gihugu Muammar Gaddafi.
Abantu bakoraiye mw'isengero ya Entoto Kidane Mehret i Adis Ababa, Ethiopia

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abakristu b'aba Orthodoxe bo muri Ethiopia nabo barahimbaza ku wa mungu umunsi mukuru wa Filseta , inyuma y'iminsi 15 yo kwisonzesha.
Umugore w'umunya-Kenya ariko arasoroma amababi c'icayi i Muranga, Kenya

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Umugore ariko arasoroma icayi muri Kenya - igihugu kiza ubugira gatatu kw'isi mu gushora icayi cinshi , inyuma y'Ubushinwa n'Ubuhindi.
Ibarabara ryarengewe n'amazi y'imvura muri Dakar, Senegal

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Imvura yateye imyuzure myinshi muri Senegal, ituma abantu benshi bahunga ingo zabo ku mugwa mukuru, Dakar.
Abakozi ba reta mu mwambaro wo kubakingira bavuye mu bushikiranganji bujejwe ubworozi bariko baregeranya inkoko ngo zije kwicwa inyuma y'uko hatowe idwara y'akamanungu k'inkoko katangajwe mu gisagara ca Bassam, Côte d'Ivoire, ku wa 20/08/2021

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Ibihumbi n'ibihumbi vy'inkoko vyishwe muri Côte d'Ivoire, igihugu cugarijwe n'akamangu canke ibicurane vy'inkoko (grippe aviaire/avian flu).
Abakozi bo kwa muganga barindiriye kwandika abiteza urucanco hanze y'itereni ya Transvaco

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Hagati aho muri Afrika y'Epfo, ivuriro rikorera mu nzira z'amagariyamoshi (itereni) rirakoreshwa kugira rishikane incanco za Covid mu bice birangwamwo abakozi bo kwa muganga bake no gushikira ubuvuzi bigoranye.
Uwushigikiye uwuherutse gutorwa ngo abe umukuru mushasha w'igihugu ca Zambia Hakainde Hichilema , azwi nka Bally canke data, ariko araraba ibirori vyo kurahira i Lusaka.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Uwushigikiye uwuherutse gutorwa ngo abe umukuru mushasha w'igihugu ca Zambia Hakainde Hichilema , azwi nka Bally canke data, ariko araraba ibirori vyo kurahira i Lusaka ku wa kabiri.
Abakinyi ba Angola barindiriye aho bicaye inyuma ko hatangura ibirori vyo gutanguza inkino za Olympic z'abagendana ubumuga za Tokyo

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abakinyi ba Angola bararindiriye bicaye inyuma ko hatangura ibirori vyo gutaguza inkino za Olympic z'abagendana ubumuga ku wa kabiri.
Ibrahim Elhusseiny

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Mu bahiganwa mu nkino za Paralympic harimwo Ibrahim Elhusseiny, umunya-Misiri yaciye umuhigo muri tennis .

Amafoto yose afitiwe uruhusha rwo kuyakoresha.