Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Covid: Afrika y’Epfo ihamagarira abagabo kwicandagisha ku bwinshi
Afrika y'Epfo itera akamo abagabo ko bokwitabira ku bwinshi igikorwa co kwicandagisha Covid kuko ibitigiri vyabo biri hasi ugereranije n'ivyabagore.
Hafi ibice 60% vy'incaco nivyo bimaze guhabwa abagore, nk'uko bivugwa n'abajejwe amagara y'abantu kuri uwu wa gatanu mu kiganiro n'abanyamakuru ku vyerekeye utwigoro twa reta two kurwanya iki kiza.
Ibi bibaye mu gihe reta ifise intumbero yo kuzoba yacandaze n'imiburiburi ibice 70% vy'abanyagihugu b'ico gihugu gushika mu kw'icumi na kabiri.
Nicholas Crisp, umutegetsi wo muri ubwo bushikiranganji, avuga ko kugira ngo bashike kuri iyo ntumbero, abantu imiriyoni 28 nibo bazotegerezwa kuba bamaze gucandagwa, mu gihe gushika ubu hamaze kwicandagisha imiriyoni zine gusa.
Umushikiranganji w'amagara y'abantu, Joe Phaahla, ntarota atezura ingingo zafashwe mu number yo kuzibira ikwirakwira rya covid n'aho ibitigiri vy'abandura "biriko biragabanuka".
Avuga ko urugero rw'ubwandu rukiri hejuru kandi ko ibitaro bigifise ibibazo kubera ubwinshi bw'abanduye.
Afrika y'Epfo gushika ubu imaze kugira abantu 2.568.511 banduye ikiza karanda ca Covid, kikaba kimaze guhitana ubuzima bw'abantu 76.243.
Nico gihugu ca mbere gifise igitigiri kinini c'abanduye ku mugabane wa Afrika.