Kenya: Imisi 13 niyo yahawe abakozi ba reta bataricandagisha Covid-19

Yatangajwe

Abakozi ba reta muri Kenya bahawe imisi 13 gusa ngo babe bahejeje kwiteza urucanco rwo kwikingira Covid-19 canke naho bafatirwe ingingo.

Mw'itangazo yasohoye, umukuru w'igisata kijejwe abakozi ba reta yavuze ko iyi ngingo yafashwe kubera igitigiri gito c'abakozi ba reta baronkejwe uru rucanco, cane cane abigisha n'abo mu gisata kijejwe umutekano.

Avuga ko hari abakozi ba reta batari bake bataye akazi kugira bahunge uru rucanco.

Ejo ku wa mbere, Kenya yatangaje ko abantu 745 bashasha banduye uwu mugera wa corona, bituma abamaze kwandura kuva iki kiza gishika mu gihugu bashika 212.573.

Mu ndwi iheze, reta yavuze ko imaze gutanga incanco imiriyoni 1,7 za AstraZeneca, nyinshi muri izi zikaba ari doze ya mbere.

Kenya itegekanya ko gushika mu mpera z'uno mwaka izoba imaze gucandaga abantu imiriyoni cumi.