Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Madagascar: Aba Jenerali bahagaritswe bagirizwa gushaka kwica prezida Rajoelina
Abakuru mu ntwazangabo zo mu gisirikare no mu giporisi muri Madagascar bahagaritswe bagirizwa kugira uruhara mu mugambi wo gushaka kugandagura umukuru w'ico gihugu.
Mu bahagaritswe harimwo aba Jenerali batanu n'izindi twazangabo zitari nke mu giporisi, abantu 21 ari bo bariko bakorwako amahotoza kuri uwo mugambi wo kugandagura Perezida Rajoelina mu kwezi guheze.
Ibinyamakuru vyo muri ico gihugu bitangaza ko abategetsi bafashe inkoho hamwe n'ibihumbi 250 vy'amadorari y'abanyamerika.
Uwu mugambi wo gushaka kugandagura Perezida Andry Rajoelina ni kimwe mu bibazo bihanze iri zinga ryo mw'ibahari Indiano.
Madagascar imaze igihe mu ngingo za guma mu rugo kuva ikiza karanda ca Covid-19 cadutse muri ico gihugu mu mwaka uheze, akarere ko mu bumanuko kakaba gahanzwe na kigoyi.
Mu kwezi guheze, abategetsi batangaje ko baburijemwo integuro yo "kugandagura" abantu batari bake, harimwo umukuru w'igihugu.
Ibi vyabaye haciye ukwezi haburijwemwo uwundi mugambi wo kugandagura umukuru w'igiporisi c'ico gihugu.
Mu baherutse guhagarikwa harimwo "abasirikare n'abaporisi bakiri mu kazi, harimwo abajenerali batanu, abakapiteni babiri, hamwe n'ibisongerezi mu giporisi batanu", bose hamwe 12, nk'uko bivugwa n'umushikirizamanza mukuru, Berthine Razafiarivony .
Umupfasoni Razafiarivony avuga ko bane muri aba bantu 21 batawe muri yompi ari abapolisi b'abakukuruke b'ico gihugu hamwe n'abasirikare be n'abaporisi b'abanyamahanga, mu gihe batanu ba nyuma ari abasivire.
Mu ndwi iheze, hari abenegihugu hamwe n'abanyamahanga bahagaritswe.
Perezida Rajoelina w'imyaK 47 yafashe ubutegetsi mu 2009 abwatse Marc Ravalomanana afashijwe n'igisirikare.
Mu matora aheruka mu 2018, yatsinze Ravalomanana yari ahanganye nawe - n'aho ayo matora yavuzwe ko yaranzwe n'ubusuma.
Izi zinga ryahoze ritwarwa gikoloni n'Ubufaransa rifise kahise karekare k'ama 'coups d'Etats' n'imigumuko kuva rironse intahe y'ukwikukira mu 1960.