Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Europe: Abashika 120 bamaze guhitanwa n'imyuzurira, abaharurwa mu majana nabo ntibazwi irengero
N'imiburiburi abantu 120 nibo bapfuye mu gihe hari abandi baharurwa mu majana bataramenya irengero ryabo inyuma y'imyuzurira iriko yiha inkumbi mu bihugu vyo mu buseruko bwa Bulaya.
Isegenya itari bwigere ibaho yatumye inzuzi zirengerwa, imyuzurira itikiza ibintu n'abantu muri ako karere.
Mu Budagi ahamaze kumenyekana ko hamaze gupfa abarenga 100, umushikiranganji wa mbere Angela Merkel yateye akamo ko ihindagurika ry'ibihe ryorwanywa bikomeye.
Ibinyamakuru vyo mu Bubirigi bitangaza ko abantu 22 ari bo bamaze gupfa muri ico gihugu. Eka n'ibihugu vy'Ubuholande, Luxembourg n'Ubuswise navyo nyene birageramiwe.
Mu Budagi, intara za Rhineland-Palatinate na North Rhine-Westphalia ni zo zononekaye gusumba.
Abahinga bagumye bagabisha ko ihindagurika ry'ibihe riturutse ku bikorwa vy'abantu bishobora gutuma isegenya nk'izi ziha inkumbi.
Mu karere Ahrweiler kari mu burengero bw'Ubudagi, abantu bashika 1300 nta wuzi irengero ryabo, nk'uko bitangazwa n'abategetsi. Umuvugizi w'intwaro y'ako karere avuga ko amaterefone ngendanwa muri ako karere yononekaye ku buryo bidakunda ko bavugana n'abantu benshi.
Ikigwati ca Schuld gituwemwo n'abantu 700 hafi cose catwawe.
Mu gisagara ca Erfstadt-Blessem hafi ya Cologne, imyuzurira yahitanye umurongo wose w'amazu. Abategetsi b'ako karere bavuga ko baguma baronka ubutumwa bwihuta bw'abantu baheze muri iyo myuzurira kandi ko ibikorwa vy'ubutabazihenshi vyanse.
Abategetsi bavuga ko urugomero rwa Rurtalsperre ruri hafi y'urubibie Ubudagi buhana n'Ububirigi rwarengewe buke buke ariko ko rutabomotse.
Abaporisi 15.000 n'abakozi bo mu gisata c'ubutabazi barungitswe mu turere twakozweko n'iyi myuzurira mu Budagi gufasha mu gikorwa co kurondera no gutabara, mu gihe za kajugujugu nazo zatora abanyagihugu babuze iyo baja n'iyo bava ku bisenge vy'amazu, mu gihe vya bimodoka vy'intambara (Chars/Tanks) biriko biziburura amabarabara bukiraho ibiti vyahenaguritse n'ibihomoka.
Umushikiranganji w'intwaro yo hagati wo mu ntara ya North Rhine-Westphalia avuga ko bigoye gutanga ibitigiri vy'abapfuye, akavuga kandi ko abantu benshi "batakaje ivyo batunze vyose.
Mu Bubirigi, amareresi ateye ubwoba y'iyi myuzurira yerekana amamodoka ariko aratwarwa n'imyuzurira mu gisagara ca Verviers. Hasohotse itegeko ryo kutava muhira mw'ijoro kubera hashobora kuba abasahura.
Abanyagihugu baba mu gisagara ca Liège, igisagara kigira gatatu mu Bubirigi inyuma ya Bruxelles/Brussels na Antwerp, bategetswe gukinjura. Abategetsi bavuga ko uwudashoboye kugenda apfume aja mu mazu yo hejuru.
Uruzi Meuse ruca muri ico gisagara, rwari rwatekereje mu gatondo ko kuri uyu wa gatanu, ariko hari uduce tumwe tumwe amazi yari yarenze inkombe.
Abategetsi bafise ubwoba ko urugomero ruri muri ako karere rushobora gusenyuka, basaba abantu gufashanya.
Mu buholande, igisagara ca Valkenburg ni kimwe mu vyononekaye cane, aho imyuzurira yatumye ababa mu mihana y'abakukuruke bategekwa kwimuka.
Iki gihugu nta muntu aravugwa ko yahasize ubuzima ariko abantu ibihumbi n'ibihumbi mu bisagara n'ibigwati biri ku nkengera z'uruzi Meuse basabwe kuva mu mazu yabo vyihuta.
Mu gisagara ca Maastricht co mu Buholandi abantu 10.000 bategetswe gukinjura.