Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
DRC: 24 barahitanywe n’isegenya mu gisagara ca Uvira
Ubutegetsi bwa Republika y'Intwaro Rusangi ya Kongo bumenyesha ko abantu 24 bahitanywe n'imvura y'isegenya mu gisagara ca Uvira gihana urubibe n'u Burundi, yaguye mw'ijoro ryo ku wa kane buca ari ku wa gatanu.
Ivyo biri mw'itangazo ryaraye risohowe n'ibiro vy'umukuru w'ico gihugu biricishije ku rubuga rwa Twitter, aho bimenyesha ko abandi 45 bakomeretse, be n'amazu yabomaguritse.
Ico gihugu gisanzwe kandi gihanganye n'ibiza vya coronavirusi hamwe na Ebola yasubiriye kwibonekeza mu gisagara ca Beni kiri mu buseruko bw'ico gihugu.
Iyo segenya yaguye mu ntara za Kivu y'ubumanuko, Haut-Lomami, Maniema na Tanganyika yatumye haba imyuzurira yahitanye abantu n'ibintu, nk'uko Perezida w'ico gihugu Félix-Antoine Tshisekedi yabibwiye inama nshikiranganji idasanzwe yakoresheje ku mugoroba w'ejo ku wa gatanu aciye ku bihinga bwa videwo.
Yasavye ko hokorwa ibishoboka vyose kugira ngo bagarukire ku banyagihugu bahuye n'ivyago.
Ejo ku wa gatanu, icegera c'umukuru w'igisagara ca Uvira, Kiki Kapenda Kifara, yabwiye radiyo Okapi yo muri ico gihugu ko ibikorwa vyo kurondera abandi boba baguweko n'ibihomoka vyari bikibandanya.
Bwana Kapenda yavuze kandi ko gushika ku muhingamo w'ejo ku wa gatanu, uruzi rwa Mulongwe rwari rukirengerwa n'amazi yava mu misozi agaca mu mabarabara y'ico gisagara.
Amakaritiye ya Kasenga, Kakombe na Mulongwe niyo yabangamiwe gusumba nk'uko ayop makuru abivuga.
Ivyo biri uko mu gihe ico gihugu gisanzwe gihanganye n'indwara ya Covid-19 kuva ku wa 10 z'ukwa gatatu, aho abashika 287 aribo bamaze kumenyekana ko bayanduye, nayo 23 ikaba imaze kubahitana.
Muri ico gihugu kandi hasubiriye kwibonekeza ikiza ca Ebola, inyuma y'iminsi gisa n'icari catujijwe.
Mu gisagara ca Beni kiri mu ntara ya Kivu y'uburaruko mu buseruko bw'ico gihugu niho hamaze kwibonekeza abandi barwayi, aho abashika batanu ari bo bamaze kwandura.