Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
South Africa: Amasanamu y'ibinyoma ku migumuko ishingiye kw'ifungwa rya Jacob Zuma
- Umwanditsi, Na Peter Mwai hamwe na Christopher Giles
- Igikorwa, BBC Reality Check
- Yatangajwe
Mu gihe Afrika y'Epfo irangwamwo imigumuko inyuma y'ipfungwa rya Jacob Zuma yahoze arongoye ico gihugu, imbuga hwaniro zimwe zimwe zagiye zikwiragiza amasanamu n'amareresi y'ububeshi.
Umukuru w'igihugu, Cyril Ramaphosa, yahamagariye abanyagihugu ba Afrika y'Epfo "kwirinda gukwiragiza ubutumwa buturira ku mbuga hwaniro, no kwirinda ibihuha n'amakuru y'ibinyoma".
Twakoze amatohoza ku turorero tumwe tw'ivyakwiragijwe cane ariko bikayovya abantu.
Isanamu yarementanijwe y'uyu yahoze ari umukuru w'igihugu ari mw'ibohero
Iyi sanamu yarementanijwe isa n'iyerekana Zuma yambaye impuzu y'umutugutu yambarwa n'abapfungwa yarakwiragijwe cane.
Imaze gushirwa ku rubuga rwa Facebook yanditseko ngo "Jacob Zuma deluxe", yarahanahanywe n'abantu ibihumbi n'ibihumbi, aho abaharurwa mu majana bayitanzeko ubutumwa buvuga aho bahagaze, bamwe muri bo bamuhoza, abandi nabo bavuga ko yari akwiye gupfungwa.
Ariko, hari abantu benshi bibajije nimba koko iyo sanamu yari rwiwe. Iyi sanamu iriko ikimenyetso cerekana ko ari yavuye ku rubuga rwa Twitter ku wa 08 z'ukw'indwi.
Wihweje neza urabona umurongo werekana ko umutwe wa Zuma uteretse ku kibiribiri c'uwundi.
Iyi shusho ishizwe mu buhinga bukoreshwa mu kwihweza isanamu (reverse images search), haboneka iyindi sanamu ishaka gusa n'iyi - ariko itarimwo uyu yahoze ari umukuru w'igihugu - kandi yari imaze igihe ku mbuga ngurukanabumenyi.
Twaciye tuyirondera mu bubiko bw'amasanamu ya AFP bwerekanye ko yafashwe mu 2002 mw'ibohero rya Pollsmoor mu gisagara ca Cape Town.
Ikindi ari ngombwa kumenya ni uko n'aho uyu yahoze arongoye ari mw'ibohero, ingingo ngenderwako zo kwirinda Covid-19 muri Afrika y'Epfo zitegeka ko abapfungwa batemerewe kwivangatiranya.
Umukobwa wa Zuma yakwiragije amasanamu ya kera
Ubutumwa bwacishijwe ku rubuga rwa Twitter n'umwe mu bana ba Zuma, Dudu Zuma-Sambudla, bwarimwo abantu bagandagaje kw'ibarabara rimwe rikomeye mu gisagara ca Durban, bamwe muri bo baryamye hasi mu gihe c'imyiyerekano.
Iyo sanamu yari ifise amajambo ndondafoto (caption) ngo: "Durban City, We See You! Amandla," (ni ukuvuga Igisagara ca Durban. Turababona! Amandla), ifise n'urufunguruzo (hashtag) with the hashtag #FreeJacobZuma. Ijambo Amandla - ryogereranywa na 'komera' - ryari ijambo bakoresha nk'icivugo mu myiyerekano yakorwa ca gihe ca ya ntwaro karyanishamiryango apartheid.
Ariko, isanamu yakoreshejwe ntijanye n'ivyakurikiye ipfungwa ry'uyo yahoze arongoye ico gihugu, kandi iboneka ko yari iyo mu myiyerekano yabaye mu mwaka uheze itandukanye n'iyi.
Twabonye iyindi isa n'iyi mu nkuru yasohowe n'ikinyamakuru ku wa 25 z'ukw'icenda 2020, aho aba bantu nyene n'izi modoka nyene ari vyo biboneka mw'ibarabara.
Yafashwe mu gihe c'imyiyerekano yateguwe n'ishirahamwe ryari rifise urutonde rw'ivyo ryashaka ko bihinduka mu bijanye n'imibereho n'ubutunzi.
N'aho uwafashe iyi sanamu yari ahagaze ku ruhande rutandukanye gato cane n'aho yari ahagaze igihe yafata iyi, uravye ingene amamodoka ahagaze, ingene abantu baryamye mw'ibarabara n'ingene bambaye, birasa neza muri iyi yazanywe na Dudu Zuma-Sambudla.
Ireresi ya kera mu kwerekana imigumuko y'ubu
Ireresi yerekana umurwi w'abirabure uhanganye n'abazungu yararabwe cane n'abantu barenga 300.000 kuri Twitter, ivugwa ko yerekana igice kimwe c'imigumuko ya kino gihe.
Ubu butumwa bwashizwe kuri Twitter ku wa 13 z'ukw'indwi, buvuga buti: "Abarimyi b'abazungu muri Afrika y'Epfo bariko barakubitwa amamodoka yabo asahurwa mu gihe igihugu kiriko kiratembagarira mu manga y'ubusahuzi".
Konte ya Twitter yayishizeko iri muri Pologne, eka izwiko ivy'ububeshi bikorerwa ku mbuga ngurukanabumenyi, ikunze gushirako kandi inkuru zirwanya abimukira n'iziha ikuzo abazungu.
Iyi reresi yashizwe ku mbuga ngurukanabumenyi imbere y'uko iyi migumuko yaduka ku wa 09 z'uku kw'indwi.
Hari amakuru yasohowe ku mbuga ngurukanabumenyi kuva ku wa 25 z'ukwa gatandatu afise iyi reresi nyene, yerekana impari zishingiye ku madeni, bisigura rero ko ata sano na rimwe riri hagati y'iyi reresi n'ino migumuko ya kino gihe, n'aho tutashoboye kubihinyuza.
Oya, yororero ry'ibikoko ntiruguruwe
Ireresi imwe yakwiragijwe cane ibesha ngo abari mu myiyerekano babomoye uruzitiro rw'ikigo c'iyororero ry'ibikoko ry'ahitwa Hluhluwe mu ntara ya KwaZulu-Natal, intambwe n'ibindi bikoko bica biratoroka.
Konte yacishijweko Twitter iyi reresi igabisha abantu "kuba maso" bakirinda intambwe n'ibindi bikoko, kandi abantu batari bake bagize ico babivugako, babishirako akamenyetso ko kubukunda (like) bongera barabukwiragiza ku ma konte yabo.
Ariko rero ubu butumwa burayovya kuko iyi reresi ni iya kera cane.
Ezemvelo KZN Wildlife, ikigo ca reta kijejwe iri yororero ry'ibikoko, kivuga ko iyi reresi yafashwe hagati mu kwa gatanu mu gihe c'imyiyerekano idasa na gato ata n'isano ifitaniye n'uyu yahoze ari umukuru w'ico gihugu.
Iyi myiyerekano yari yatunganijwe n'abanyagihugu bari barakaye kubera kubura akazi muri ako karere.
Ku wa 12 z'uku kw'indwi, abarongoye ico kigo banditse kuri Twitter bati: "Gushika ubu nta kintu kibi na kimwe kirigera gishikira uwu mutungo wacu".