Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
South Africa: Umucamanza asaba ko Jacob Zuma apfungwa kuko 'yasuzuguye sentare'
Umucamanza wa Afrika y'Epfo avuga ko yipfuza ko Jacob Zuma yahoze ari umukuru w'ico gihugu apfungwa inyuma y'aho yankiye kurenguka imbere yiwe kugira yisigure ku vyo yagirizwa vyo kurya ibiturire.
Jaco Zuma w'imyaka 79 yarirengagije umutahe wo kumurengutsa imbere y'umurwi ujejwe gukora amatohoza ku biturire yagirizwa urongowe n'umucamanza Ray Zondo.
Uyu mucamanza avuga ko akagagazo ka Zuma gashobora gukokeza ukudahana, ko rero agiye gusaba sentare nkuru ya Afrika y'Epfo ko yomukubita intahe mu gahanga kuri aka gasuzuguro.
Zuma avuga ko azi neza ko umucamanza Zondo ahengamye kandi ko amurwanya.
Imbere y'aho yari yaranasavye uyu mucamanza gutanga imihoho nk'umukuru w'uyu murwi ujejwe gukora amatohoza.
Umucamanza Zondo yariyamirije ibisabwa na Zuma, akavuga ko akora akazi kiwe ataho ahengamiye.
Ivyabona bishika 40 baragirije Zuma kurya ibiturire.
Bimwe mu vyo yagirizwa ni uko igihe yari umukuru w'igihugu, yahaye uburenganzira umuryango wa Gupta gusahura umutungo w'igihugu unagira uruhara muri poritike no mw'igenwa ry'abashikiranganji.
Yaba Zuma canke abo mu muryango wa Gupta, bompi barahakana ivyo bagirizwa.
Mu kwezi guheze, sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwashingoro yategetse ko Zuma yategerezwa kurenguka imbere y'uyo murwi.
Inyuma y'aho yankiye kurenguka ejo ku wa mbere, umucamanza Zondo yavuze ko ata n'umwe ari hejuru y'amategeko, ko rero mu gihe Zuma yobandanya asuzugura sentare bishobora kugira ingaruka mbi kuri demokarasi.
Kuva uyu mucamanza afashe iki cemezo, Zuma ntaco arashikiriza, ariko amaze kumenyesha ko adatinya gupfungwa.
Ariko bamwe mu banywanyi biwe, bambaye imyambaro ishaje ya gisirikare, bagize imyiyerekano imbere y'inzu yiwe iri hagati mu gihugu, bavuga ko bazomukingira.
Zuma yategetswe gutanga imihoho nk'umukuru w'ico gihugu mu 2018 inyuma y'uko yagirijwe kurya ibiturire mu myaka icenda yari amaze ku butegetsi.
Igihe Cyril Ramaphosa yamusubiriye ashikirizwa amabanga, yiyemeje guhangana n'iki kibazo.