Uganda - Covid-19: Abantu babiri bahagaritswe kuko batanze incanco za magendu

Yatangajwe

Abantu babiri badandaza magendu bafatiwe muri Uganda bagirizwa gutanga icanco za Covid-19 za magendu. Uwundi umwe aracaronderwa.

Bivugwa ko abo bantu babiri bari bamaze gutera izo ncanco abantu 800 bakora muri kompanyi yigenga, yari yasabiye incanco abakozi bayo.

Igisata kijejwe gukurikirana ivyo amagara y'abantu mu biro vy'umukuru w'igihugu kivuga ko caronse inkuru ivuye ku bategetsi bo hasi ko abo bagabo babiri baguma batembera mu micungararo ya Kampala, bavuga ko ari abakozi bo mu buvuzi bo muri bimwe mu bitaro bisanzwe vyo muri ico gisagara.

Dr Warren Namara wo muri ico gisata avuga ko hataramenyekana neza ibiri muri urwo rucanco bateye abantu, ariko ico gisata ngo kiriko kiragira amatohoza ku birugize.

Guterwa urucanco rwa Covid-19 muri Uganda ni ku buntu, zikaba zishobora kuboneka mu bigo vya reta n'ivyigenga bijejwe gucandaga. Abantu barenga 856.000 baramaze gucandagwa.

Uganda ihanganye n'umufunda wa kabiri w'ikiza ca Coronavirus, aho abantu benshi baguma bandukirwa hakaba hari n'abamaze gupfa.