Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kigali n'uturere umunani birasubira muri guma-muhira kubera ukwiyongera kwa Covid-19
Ibiro vy'umushikiranganji wa mbere w'u Rwanda bivuga ko ibikorwa nka vyose mu muji wa Kigali no muri district umunani bihagaritswe mu ntumbere yo gukumira ikiza ca Covid-19 kibandanya ciyongera mu gihugu n'ahandi mu makungu.
Izo district ziyongera ku muji wa Kigali ni Burera, Gicumbi, Kamonyi, Musanze, Nyagatare, Rubavu, Rutsiro na Rwamagana.
Iryo tangazo rivuga ko kuva ku tariki ya 01/07/2021 bibujijwe kuva muhira kuva isaha cumi na zibiri z'umugoroba gushika isaha cumi zo mu gitondo.
Amashure, amasengero, hamwe na vyinshi mu biro birugawe (abakozi bazokorera muhira) kiretse abatanga serivisi za nkenerwa cane, nayo imanza zibera muhira canke ukundi guhurira hamwe birabujijwe.
Mu rwego rw'indero iri tangazo rivuga yuko amashure yose yugawe, hakazofatwa ingingo zihariye kubategerezwa gukora ikiza mu kwezi kw'indwi 2021, aho bazomenyeshwa ikizokorwa n'ubushikiranganji bujejwe indero.
Ibibanza vy'uburiro navyo birugaye, abakeneye ivyo kurya bivuye muri ivyo bibanza bakazoshobora kubigura babitahana muhira.
Ingenzi zishika canke ziva ku kibuga c'indege ca Kigali zizoja zerekana ibipimo vyo kutandura (negatif) vyafashwe mu masaha 72 imbere y'uko zifata urugendo.
Ibindi bibujijwe n'imanza z'ubukwe, zaba izo gukwa canke gusezerana ku kagari co kimwe n'ibikorwa vyo kwinonora imitsi mu mazu yabihariwe azwi nka gym.
Ariko kwinonora imitsi umuntu ari ukwiwe hamwe n'inkino zidasaba kwegerana bizobandanya hakurikijwe amategeko yo kwirinda.
Kuja ku kiriyo hazoja hemererwa abantu 10 gusa ica rimwe, nayo kuja ku maziko hazoja haremererwa abantu batarenga 30.
Izi ngingo zafashwe mu muji wa Kigali no muri zo district umunani, zizosubira kwihwezwa nyuma y'indwi zibiri bivanye n'ukuntu abajejwe ivy'amagara bazoba babona uko ibintu vyifashe.
Ahandi mu gihugu hoho bimeze gute?
Kwiyunguruza uva muri district uja muyindi birabujijwe, kiretse umuntu agiye kwivuza canke hari ibindi vya nkenerwa cane kandi vyihutirwa agiyemwo.
Inama ziremewe, ariko aho abantu bahurira hazokwemererwa kwakira gusa 30% vy'abashobora kuhakwira, kandi abazokwitaba bose bazotegerezwa kwerekana ibipimo vyo kutandura vyafashwe mu masaha 72 imbere y'iyo nama.
Guhurira hamwe mu kwinezereza harimwo n'imanza z'ubwoko bwose birabujijwe, yaba mu bibanza bihurwamwo ba benshi canke muhira. Ubukwe n'izindi manza zose navyo birabujijwe.
Uburiro n'ubunywero butadandaza inzoga bwemerewe kwakira abantu batarenga 50% vy'abashobora kwakirwa kandi bwugare isaha cumi n'imwe z'umugoroba, nayo ububare bwobwo burabujijwe.
Ibibanza biberamwo amasengesho vyubahirije amategeko yo kwirinda biremerewe kwugurura ariko bikakira abantu batarenga 30% vy'abo bishobora kwakira.
Izi ngingo zizotegerezwa gukurikizwa ikiringo c'indwi zibiri.
Iryo tangazo rihera ryibutsa abanyagihugu yuko bategerezwa kwubahiriza amabwiriza yo kwirida arimwo kutegerana, kwambara agafukamunwa hamwe no gukaraba intoke, abatazovyubahiriza bakazofatirwa ibihano.
Guma-muhira ntibonwa kumwe
Igihe cose hagiye haraba ingingo zo guma-muhira mu Rwanda, abanyagihugu batari bake baravyidogeye, cane cane abatunzwe n'ubuzi bwa minsi yose, bafungura ari uko bavuye muhira.
Bamwe mu batavuga rumwe na leta y'u Rwanda bagiye bariyamiriza izi ngingo bakavuga yuko leta izifata itabanje kuraba ineza y'abantu bato bato batagira uko bifashe, bakavuga ko ibikora yigana ibikorwa n'ibihugu bikize.
Ariko abajejwe amagara mu Rwanda bavuga yuko ingingo za guma-muhira bazifata ku neza y'igihugu n'abanyagihugu.
Bavuga kandi yuko abakorwako cane na guma-muhira baronswa imfashanyo, kandi ko iyo ngingo iba ikenewe mu gukumira iki kiza kibangamiye isi.
Ingingo zikaze zagiye zirafatwa ku batubahirije amategeko y'umukwabu canke yo kwikingira nko kwambara agafukamunwa, zirimwo kubafungira mu bibanza nka za stade hamwe no kubaca amande.