Christian Eriksen: 'Yarapfuye hanyuma arazuka' - uwamuvuye aravuga ingene vyagenze

Yatangajwe

"Vyari vyaheze. Yarapfuye hanyuma arazuka"

Muganga ajejwe kuvura umurwi nserukiragihugu wa Danemark, Morten Boesen, avuga aya majambo igihe yariko asigura ivyabaye mw'ijoro ryo ku wa gatandatu ku mukinyi Christian Eriksen.

Ku munota wa 43 y'igice ca mbere mu rukino rwa mbere rw'umurwi B mw'ihiganwa rya Euro 2020 hagati ya Danemark na Finland, uyu mukinyi asanzwe akina muri Inter Milan yagiye kwakira umupira wari usubijwe mu kibuga n'amaboko.

Mu gihe yari agiye kuwakira, yabanje kuzungagirika incuro zitari nke mu nyuma aca agwa bukumbi.

Eriksen yarataye ubwenge mu kiringo c'iminota itari mike, akikijwe n'abakinyi bagenzibe.

Iyi minota yabaye mu biringo biteye ubwoba mu mateka y'umupira w'amaguru.

Mu kiganiro n'abanyamakuru bukeye ku wa Munu, Boesen yavuze ati: "Yari yagiye, vyari vyarangiye. Yarapfuye hanyuma arazuka. Ni indwara y'umutima yari imuhitanye".

"Yahatswe kutujana bigenze gute? Nta vyo nzi, ariko twarashoboye kwikora ku buhinga bwacu turamuhembura".

Bifashishije ubuhinga bwo guhembura uwaravye, Eriksen yavanywe mu kibuga ari ku nderuzo aca asimbanwa mu bitaro, abarorerezi bakoma amashi mu kumutera intege".

Boesen ati: "Ibipimo tumaze kumufata gushika ubu vyerekana ko ata ngorane, nta nsiguro turaronka ku vyamubayeko".

None azosubira gukina?

Urukino hagati ya Danemark na Finland rwahavuye rubandanya haciye amasaha makeya rubanje guhagarikwa.

Ku gitsindo cinjijwe na Joel Pohjanpalo, Finland yatahukanye intsinzi.

Yabaye intsinzi ya mbere n'igitsindo ca mbere c'uyu murwi wa Finland mu mateka yayo mw'ihiganwa rya Buraya.

Ku ruhande rwiwe, umumenyereza w'umurwi nserukiragihugu wa Danemark, Kasper Hjulman , avuga ko yavuganye na Eriksen, akaba yamubwiye ko atibuka neza ivyabaye.

Hjulmand avuga ati: "Yambwiye ko yumva akomeye kandi ko yiteguye gusubira mu myimenyerezo".

Ariko, abihweza ibintu n'ibindi batari bake bavuga ko bigoye ko umukinyi ahuye n'ikibazo nk'iki cashikiye Eriksen asubira gukina umupira".

Umwe muri aba ni Sanjay Sharma yari umuganga w'indwara z'umutima igihe uyu mukinyi yakina muri Tottenham mu Bwongereza kuva mu 2013 gushika 2020.

Sharma yabwiye itororokanirizo ry'amakuru PA ati: "Sinzi ko ashobora gusubira gukina umupira w'amaguru. Mvugishije ukuri, yari yapfuye (ku wa gatandatu), n'aho vyabaye ivyo iminota mikeya, ariko yari yapfuye".

"None hari umuganga yosubira kumwemerera gusubira gupfa? Inyishu ni oya".

Yongerako ati: "Inkuru nziza ni uko azokira, ariko inkuru mbi ni uko ashitse ku maherezo y'umwuga wiwe".

Sharma aremeza ko Eriksen atigeze yerekana ko afise ikibazo na kimwe c'amagara mu gihe cose yamaze akina muri Tottenham cari gushobora gusigura ivyamubayeko i Copenhagen ku wa gatandatu.

Ati: "Biragaragara ko hari ikintu cagenze nabi cane. Ariko yarashoboye kurokoka.

"Ikibazo ni iki: habaye iki? Hanyuma kandi kubera iki vyabaye? Uyu mukinyi nta kibazo na kimwe yigeze agira mu bipimo vyose yafashwe gushika mu 2019, none wosigura gute iri hagarara ry'umutima?"

Ubu amerewe gute?

Aho arwariye, avuga ko ameze neza kandi ko abandany atora mitende.

Kuva yinjijwe ibitaro inyuma y'ivyamubayeko ku wa gatandatu, Christian Eriksen yashoboye kugira ico ashikirije ubwa mbere, aho avuga ko azobandanya atera intene bagenziwe muri rino higanwa rya Euro 2020.

Yanditse kuri Instagram ati: "Ndashimye cane ku ndamutso n'ubutumwa mbandanya ndonka biva mu mpande zose z'isi".

"Bisobanura vyinshi kuri jewe n'umuryango wanje".

"Meze neza - inyuma y'ivyabaye. Mbandanya n'ibindi bipimo mu bitaro, ariko meze neza".