Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi: Cheikh Ndikumana Rashid yasavye umushikiranganji Ndirakobuca gutanga imihoho
Cheikh Ndikumana Rashid wo muri zone ya Buterere, ari mu minwe y'igipolisi yagirizwa amajambo yo kugabisha umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu n'umutekano Gen Ndirakobica Gervais.
Inyanduruko ni ivyo uwo mushikiranganji yavuze ku bijanye no gukoresha indangururamajwi ziri ku minara y'imisigiti mu guhamagara abaza gusenga, Azana .
Mu nyigisho zo ku wa kabiri itariki 8 z'uku kwezi, mu musigiti wa Madina, Cheikh Ndikumana yumvikanye ahamagarira umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu n'umutekano, Ndirakobuca Gervais gusaba ikigongwe.
Mu nama y'abarongoye abandi, abaserukira amashengero n'amadini hamwe n'abakuru b'intara yaheruka kugirisha, Gen Ndirakobuca yasavye abanyamadini kugerageza kugabanya 'bomboribombori' y'ijoro'.
Yagize ati: "N'ukuri abenegihugu bararushe. Bomboribombori y'ijoro, abantu barara baravuza ingoma mw'ijoro, ndabasabe banyakwubahwa baserukira amashengero n'amadini, ibi bintu bihagarare. Mubwire abo mujejwe bihagarare.
Ku ba Islam, Ndirakobuca yabasavye kugabanya urwamwo iyo bariko barahamagara abayoboke babo gusenga.
Ati: "Sinibaza y'uko zirya mikoro muvugirako isaha icenda z'ijoro, ari ho abantu babumva. Umuntu azi ko ategerezwa kuzinduka gusenga...arizinduka nturinda kumuvyura. Umenga ni kugahato umuvyuye ku nguvu, ngo bavuze ngo reka ngende.
"Kurinda kuvyura abandi n'abo bitaraba biragoye, uca usanga turiko turengera uburenganzira bw'abandi. Ubwo iwacu bugera aha, ubwo uwundi bukagera aha, uca usanga umaze kwinjira mu bw'abandi. Uca usanga ari ingorane. "
Iryo jambo ryashikirijwe n'uyu mushikiranganji, ni ryo ryababaje Cheikh Ndikumana Rashid wo ku Buterere, mu musigiti wa Madina, aca amubwira ko asaba ikigongwe vyihuta.
Yagize ati: "Jewe ngira ndakwishure ...wewe (Ndirakobuca) utaravuka, umuhamagaro w'aba Islam wari uhari...
"Ivyerekeye Azana ntitwokwihanganira. Warabivuze, ku ma audio n'amavideo warumvikanye kw'isi yose. Usubire hahandi nyene, canke ugende kw'iradiyo y'igihugu usabe imbabazi aba Islam, usabe imbabazi Allah.
"Mu misi indwi n'utakora ivyo, aha mfashe igitabo ca Allah, mu yindi misi indwi ikurikira, Allah azofata ingingo. N'utabikora Allah arakurindiriye, idini ry'aba Islam s'idini ryo gukinirako ...."
Muri izo nyigisho nyene Cheikh Rashid yahamagariye umushikiranganji Ndirakobuca kwisabira we nyene umukuru w'igihugu kuva mu kazi k'ubushikiranganji.
Mu gipolisi baremeza ifatwa rya Cheikh Rashid, bavuga ko ari imbere y'inyamiramabi kugira bamukorere dosiye.