Uganda: Gen. Edward Katumba Wamala aheruka kuraswa yavuye mu bitaro

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 1

Wa mushikiranganji wa Uganda ajejwe ugutwara abantu n'ibintu, Jenerari Edward Katumba Wamala, yavuye mu bitaro aho yariko aravurirwa inyuma y'aho abagiwe agakurwamwo urusoro mu kuboko.

Umushikiranganji Wamala yakomeretse inyuma y'aho abantu bari ku mapikipiki barasiye imodoka yiwe bakica umukobwa wiwe n'umushoferi.

Uyu mushikiranganji asaba ko abakoze iki gitero bahagarikwa bagashengezwa imbere y'ubutungane.

Umwe mu bikekwa aramaze guhagarikwa, nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru New Vision cegamiye reta.

Ejo ku wa gatatu, harabaye igiteramo co kugandarira Brenda Nantongo Wamala, umukobwa w'uyu mushikiranganji.

Imboneshakure NTV yo muri Uganda yarasohoye ireresi y'uyu mushikiranganji ari imbere y'ikiziga c'umukobwa wiwe:

BBC ntibazwa ibivuye ku zindi mbuga.

Umushikiranganji Wamala n'umukobwa wiwe batewe ku wa kabiri bariko baja ku kigandaro cabera mu rugo kwa inabukwe.

Ibinyamakuru vyo muri Uganda bisubiramwo abanyamuryango bari mu kigandaro c'ejo ku wa gatatu aho bavuga ko kubona bategerezwa guhamba abantu babiri bo mu muryango umwe vyagize ingaruka mbi.

Kuva mu myaka mike iheze, Uganda yagiye ihura n'ibi bitero bikorwa ku bantu bakomeye mu gihugu. Inzego z'igendereza ntizirashobora kumenya ababikora.