Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uganda: Minisitiri w'imirimo Gen Katumba Wamala yarashwe arakomereka umwana we arapfa
General Edward Katumba Wamala, wahoze ari umugaba w'ingabo za Uganda ubu akaba ari Minisitiri w'imirimo n'ubwikorezi, mu gitondo ku wa kabiri yarashwe n'abitwaje intwaro arakomereka hafi y'iwe mu murwa mukuru Kampala.
Ababibonye bavuga ko abamurashe bari kuri moto, nk'uko umunyamakuru wa BBC i Kampala abivuga.
Umuvugizi w'ingabo Brigadier Flavia Byekwaso yabwiye ibiro ntaramakuru Reuters ko Gen Wamala yajyanywe ku bitaro, mu gihe umushoferi we yahise apfa.
Televiziyo ya NBS TV ivuga ko umukobwa wa Gen Wamala, bari kumwe mu modoka, nawe yapfuye.
Kuri Titter, Perezida Yoweri Museveni yise "ingurube" abashatse kwica Gen Wamala, avuga ko ushinzwe umutekano we yakabaye yarashe nawe "akagira abo yica".
Mu myaka ishize, ibikorwa nk'ibi byo kurasa abantu bikozwe n'abari kuri moto byariyongereye muri Uganda.
Mu 2018, Ibrahim Abiriga, umunyapolitiki wari uzwiho gushyigikira cyane Perezida Yoweri Museveni, yarasiwe hafi y'iwe arapfa.
Felix Andrew Kaweesi wari ukuriye ibikorwa bya Polisi nawe yishwe mu buryo nk'ubu mu 2017.
Umucamanza n'abakuru mu idini ya Islam benshi nabo barishwe mu buryo nk'ubu mu gihe gishize.