Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umuvugizi w'igipolisi c'Ubuganda yagandaguwe
Umuvugizi w'igipolisi c'igihugu mu Buganda, Andrew Felix Kaweesi, yishwe arashwe muhira iwe ku murwa mukuru Kampala.
Yicanywe n'umushoferi hamwe n'uwumukingira ubuzima, umuvugizi w'igipolisi co mu gisagara ca Kampala, Emilian Kayima, niko yabwiye umumenyeshamakuru wa BBC, Patience Atuhaire, yashitse aho vyabereye.
Ibiziga vyakuwe muri ico kibanza, nkuko ubutumwa bwa Twitter bw'ikinyamakuru co mu Buganda, buvuga.
Mu myaka ya vuba hari abandi bantu bari mu bategetsi b'Ubuganda bishwe.
Mu kwezi kwa cumu na rimwe, Majoro Sulaiman Kiggundu yararashwe aricwa ari kumwe n'uwumukingira ubuzima.
Mu kwezi kwa gatatu 2015 , umunyamategeko Joan Kagezi, yakurikirana urubanza rw'ibitero vy'iterabwoba vyo mu 2010, yishwe n'abantu bitwaje ibigwanisho bari kw'ipikipiki agiye muhira iwe.