Tanzania: Sentare ivuga ko inyandiko zo kuraga itunga ryose Jackline Ntuyabaliwe zitakurikije amategeko

Ahavuye isanamu, Jackline Mengi/ISNTAGRAM
Umupfakazi wa nyakwigendera Reginald Mengi, Jackline Ntuyabaliwe, yerekanye akababaro kiwe ku ngingo ya sentare nkuru ya Tanzania yerekeye uwohagarikira itunga ryasizwe n'umugabo wiwe.
Yanditse ku rubuga rwa Instagram ati: "Kirakwiye... icegeranyo co kwa muganga ca Dr Reginald Mengi cerekanywe nk'icemezo. Ukuri ku bantu bakunda ukuri. Umugabo wanje yamaze ubuzima bwiwe yubashwe, akerebutse kandi yafashije ibihumbi n'ibihumbi vy'abatanzania."
Ntiyari umukehabwenge! Ushobora kuvuga ivyo ushatse vyose, ufate ivyo ushatse, ariko kuri ivyo, nzomuvugira gushika mpfe.
Jackline yanditse kuri urwo rubuga hwaniro ashirako n'icegeranyo ca muganga wiwe, yanditse ivyerekeye amagara yiwe, ko ingwara yamufashe ya AVC itatumye atakaza ubwenge.
Sentare yavuze iki?
Mu misi iheze, mu gusoma urubanza rw'impapuro 72, umucamanza Mlyambina yavuze ko inyandiko zo kuraga za nyuma za nyakwigendera Dr Mengi zanditswe itariki 17 z'ukwezi kw'umunani mu 2017 zitakurikije amategeko agenga kuraga.
Muri urwo rubanza, abana ba Dr Mengi bariko bariyamiriza izo nyandiko zo kuraga bivugwa ko zasizwe na nyakwigendera se wabo, n'umukono wari kuri izo nyandiko nta ho bisa bisana n'izindi ziwe, kandi muri ico gihe se wiwe nta nguvu yari afise zo kwandika kubera ingwara yari afise kuva mu 2016.
Abana bakuze ba nyakwigendera bavuga ko izo nyandiko zo kuraga zabirengagije, iragi ryose rihabwa Jackline Ntuyabaliwe n'abana biwe b'amahasa, rero ko izo nyandiko zitakurikije amategeko kubera zashize ku ruhande abandi bana ata mpamvu.
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na Google YouTube. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha Google YouTube amategeko agenga cookie n'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya YouTube ubutumwa
Jackline Ntuyabaliwe azwi kw'izina ry'ubuhizi rya K-Lynn muri BongoFleva yamenyekanye cane mu ndirimbo Nalia Kwa Furaha.
Bahuriye n'umugwizatunga w'umutanzania Reginald Mengi mu gihugu c'Ubwongereza mu 2010.
Mu 2014 ikinyamakuru candika ku butunzi ca Forbes canditse ko uwo mugabo yari afise imitahe mu bimenyeshamakuru no mu mashirahamwe yimba ubutare, yari afise ubutunzi bungana na miliyoni 560 z'amadolari.
Bari bubakanye mu 2015 mu bugeni bwabereye mw'izinga rya Maurice, Dr Reginal Mengi akaba yarusha umupfasoni wiwe imyaka 36.
Yaryamiye ukuboko kw'abagabo ari i Dubai afise imyaka 75 itariki 2 z'ukwezi kwa gatanu mu 2019, mu gihe Jackline Ntuyabaliwe yari afise imyaka 39.










