Nigeria - USA: Abidemi Rufai yahagaritswe yagirizwa ubusuma bw'amahera muri Amerika

Rufai yarigeze kwiyamamariza intebe y'ubushingamateka muri Nigeria mu 2019.

Ahavuye isanamu, ABIDEMI RUFAI/FACEBOOK

Insiguro y'isanamu, Rufai yarigeze kwiyamamariza intebe y'ubushingamateka muri Nigeria mu 2019.
Yatangajwe

Umunye politike wo muri Nigeria yahagaritswe yagirizwa ubusuma bwo ku ruyeri mu kwakira imfashanyo y'abatagira akazi muri Amerika akoresheje ivyangomba vy'ivyibano vy'abantu ijana.

Abidemi Rufai - akorana vya hagufi n' umukuru w'intara ya Ogun, Dapo Abiodun - yahagaritswe kuri uyu wa gatanu akaba yagirizwa kwiba amahera y'amadolari arenga 350.000 yari agenewe abatakaje akazi kubera Covid-19 yo mu gisata kijejwe kubungabunga akazi mu ntara ya Washington, nk'uko ubushikiranganji bw'ubutungane bwabimenyesheje mw'itangazo.

Bitegekanijwe ko aburanishwa ku vyerekeye ukubandanya apfunzwe kuri uyu wa gatatu.

Reta ya Ogun nta co iravuga kw'ifatwa ryiwe.

Bikekwa ko Rufai w'imyaka 42, yakoresheje ivyangombwa vy'ivyibano vy'abantu barenga 100 baba i Washington mu kwishuza amahera hagati y'ukwezi kwa gatatu n'ukwezi kw'umunani mu mwaka uheze.

Abategetsi ba Amerika bavuga ko amadolari arenga 288.000 yari yashizwe kuri conte ya banke ikoreshwa n'uwo mugabo.

Ubushikiranganji bw'ubutungane buvuga ko Rufai yakoresha " mail imwe agenda arahindagura ku buryo yashoboye gukwepa ubuhinga bukoreshwa mu gufata mwene ubwo busuma.

"Mu gukora gutyo. Rufai yashaka kwerekana ko uwishuza wese yakoresha mail idasa n'iyo uwundi."

Yagirizwa kandi kuba yaranditse yishuza amahera muri ubwo buryo i Hawaii, Wyoming, Massachusetts, Montana, New York na Pennsylvania.

Ashobora guhanishwa gupfungwa imyaka 30 kubera ivyo yagirizwa bijanye n'itegeko ry'umukuru w'igihugu ryo gutabara abari mu kaga canke abakeneye imfashanyo zihuta, nk'ikiza ca coronavirus , nk'uko iryo tangazo ribimenyesha.

Rufai yarigeze kwiyamamariza intebe y'ubushingamateka muri Nigeria mu 2019.

Reta ya Ogun yamenyesheje ko uwo munye politike yafatiwe ingingo yo gukurwa mu kazi.

Umuvugizi w'umukuru w'iyo reta yabwiye BBC Pidgin ko hari ingingo zafatiwe Abidemi Rufai.