Covid-19: ingenzi ziva muri India ntizemerewe kwinjira muri Uganda

Muganga Jane Ruth Aceng afata ubwoko bushasha bwa Covid-19 buriko burakora ibara mu Buhindi co kimwe n'uburangwa muri Nigeria, Ubwongereza na Afrika y'Epfo.
Insiguro y'isanamu, Muganga Jane Ruth Aceng afata ubwoko bushasha bwa Covid-19 buriko burakora ibara mu Buhindi co kimwe n'uburangwa muri Nigeria, Ubwongereza na Afrika y'Epfo.
Yatangajwe

Kuva kuri uyu wa 01 z'uku kwa gatanu 2021, nta muntu yemerewe kwinjira muri Uganda avuye mu Buhindi gushika igihe ingingo izohindurirwa.

Ingenzi zose zoba zari zimaze imisi 14 canke zaciye mu Buhindi, ata kuraba ngo zafashe inzira iyahe, ntizemerewe kwinjira muri Uganda.

Iyi ngingo ifashwe inyuma y'aho iki gihugu gitoreye umuntu wa mbere yanduye ubwoko bushasha bwa Covid-19 buriko buriha inkumbi mu Buhindi.

N'aho gushika ubu ubu bwoko bwa Covid-19 butaratangazwa ko ari ikibazo gihanze isi yose, umushikiranganji w'amagara y'abantu ayifata nk'ubundi bwoko bwa Covid-19 burangwa muri Nigeria, Ubwongereza na Afrika y'Epfo.

Umushikiranganji w'amagara y'abantu wa Uganda, Muganga Jane Ruth Aceng, avuga ko ata ngenzi n'imwe ivuye mu Buhindi azokwemererwa kwinjira mu gihugu, ata kuraba ngo yafashe inzira iyahe.

Gusa, umuntu yinjiye mu gihugu imbere y'uko iyi ngingo ifatwa, akerekana urukaratasi rwerekana ko ata mugera w'iyi ndwara afise, arashobora kwinjira, ariko naho nyene agategerezwa kubanza gusubira gupimwa ashitse.

Abazopimwa bagasanga baranduye bazotegerezwa gushirwa ukwabo mu bibanza vyatunganijwe na reta kandi bakimenya muri vyose.

Abenegihugu bazoba bavuye kwivuza hamwe n'indege zitwara imizigo, ariko abakozi bazo bakaba batururuka ngo binjire mu gihugu, ntibafatwa n'iyi ngingo.

Mu ndwi zitandatu zirangiye, Uganga yagiye ibona ibitigiri vy'abandura bigenda vyiyongera, umushikiranganji w'amagara y'abantu akagabisha ko ibi bishobora kuba vyerekana ko uwu mugera ugomba usubire wake indaro mu gihugu.

Abanyagihugu bo mu bihugu bimwe bimwe nka Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Tanzania, Ethiopia, Turukiya, Afrika y'Epfo na Sudani y'Epfo basabwa kwirinda ingendo zitari ngombwa muri Uganda.

Uganda yatanguje umugambi wo gucandaga abanyagihugu mu kwa gatatu mu ntumbero yo kubakingira Covid-19, ariko gushika ubu abantu 300.000 nibo bonyene bamaze kuronswa urucanco rwa mbere.

Abajejwe amagara y'abantu, abaporisi, abasirikare, abatama hamwe n'abari hagati y'imyaka 18 na 50 ariko baboneka ko bafise ibibazo vy'amagara, niyo mirwi yacandazwe ubwa mbere.

Abanyagihugu ntibashotse biyumvamwo izo ncanco mu gihe hari ubunebwe bwo gukurikiza za ngingo zo kwikingira harimwo nk'ukwambara udupfukamunwa n'ukwirinda kwegerana.