Sport: Abakuru b'imigwi y'inkino bifatanije n'abo mu mupira w'amaguru mu kwinuba imbuga hwaniro imisi 4

Yatangajwe

Imigwi ikomakomeye y'umupira w'amaguru n'abakinyi bagiye kwifatanya n'inzego zirongoye inkino mu kwinuba imbuga hwaniro mu kiringo c'imisi ine kuva ku musi wa gatanu mu ntumbero yo kugwanya ifatwa nabi n'amacakubiri.

"Uko gushigikirana mu kugwanya amajambo mabi aca ku mbuga hwaniro" gufise intumbero yo gutera intege izo mbuga mu gufata ingingo ruhasha ku banyamacakubiri afatiye ku rukoba no ku gitsina.

Amashirahamwe ya Rugby na Cricket baraza gushigikira abo mu mupira w'amaguru muri urwo rugamba.

Uko kwinuba izo mbuga kwaniro biza gutangura isaha isaha 17:00 ku musi wa gatanu gushika isaha 1:59 ku masaha yo mu Rwanda no mu Burundi.

Umukuru w'ishirahamwe Kick it Out, rigwanya amacakubiri afatiye ku rukoba, Sanjay Bhandaru yavuze ati:"Uku kwinuba vyerekana agashavu kacu twese.

"Mu kwinuba imbuga hwaniro, twerekanye ikimeyetso kura abo babifitiye ububasha. Dushaka ko mufata ingingo. Dushaka mufashe guhindura ibintu."

Ni bande bafashe iyo ngingo?

Abafashe ingingo yo kwinuba Twitter, Facebook na Instagram ni:

  • Mu mupira w'amaguru: imigwi ya Premier League, English Football League, Super League y'abigeme, Scottish Professional Football League, Football Association, Scottish FA, urwego rurongoye Uefa hamwe n'amashirahamwe menshi arongoye umupira w'amaguru.
  • Hari kandi n'imigwi ya Cricket na Rugby

Imigwi yo mu Bwongereza y'abasiganwa ku makinga, abasiganwa ku ndogobwe, Hockey hamwe n'ishirahamwe rya Tennis na bo bari mu bitavye ako kamo.

Umukinyi wa mbere kw'isi mu gusiganwa n'imodoka Lewis Hamilton co kimwe n'umudereva George Russell na bo bari mu bagiye kwinuba imbuga hwaniro muri ico kiringo c'imisi ine.