Patrice Motsepe kuva kuri uyu wa gatanu niwe aramutswa Caf

Ahavuye isanamu, Getty Images
Patrice Motsepe wo muri Afrika y'Epfo kuva uwu munsi niwe aramutswa Caf, urwego rujejwe umupira w'amaguru muri Afrika inyuma yo gutorwa atagira uwo bahiganwa.
Inzira yo gushikira ico kibanza ntiyagoye uwo mugabo w'imyaka 59 mu gihe ku ndwi iheze abo bari guhiganwa basokoye, uwundi nawe yari kuba umukeba - Ahmad wo muri Madagascar - akagira intambamyi zo guhiganwa.
Ashikiriza ijambo abakuru b'amashirahamwe y'umupira w'amaguru muri Afrika ahabereye amatora, ku murwa mukuru wa Maroc Rabat, Motsepe yavuze ingene ubumwe bushobora kuba imburi y'ikiringo c'ibihe bishasha mu mupira w'amaguru.
Motsepe yavuze ati: "N'iteka rikomeye cane kuri jewe [kuba umukuru wa Caf]. Aza ubugira icenda mu bantu bakize cane muri Afrika, ku bwa Forbes.
''Reka nshimire umuvukanyi [Umukuru wa FIFA] Gianni [Infantino] ku cerekezo no gutera intege ubumwe. Tuzohangana n'ibibazo vya Afrika kandi tuzobishobora, ariko ivyo tuzobishikako ari uko twunze ubumwe."

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu nyuma Motsepe yahindukiriye abagize abakuru b'amashirahamwe y'umupira w'amaguru muri Afrika n'inama nshingwabikorwa mu gihe yerekeza kuri kazoza keza gusumba.
''Uburongozi dufise muri Afrika (hamwe) n'uburongozi dufise mu mupira w'amaguru muri buri gihugu bimpa kurema no kumpa urufatiro.
"Ndaremye cane ko dukoreye hamwe, koko tuzoshobora ivyo twiyemeje mu gutuma umupira w'amaguru udashika kw'isonga gusa ariko ube mu ya mbere myiza kw'isi."
Motsepe, asanzwe afise umugwi Mamelodi Sundowns watsindiye igikombe ca Afrika c'imigwi co mu 2016 , yari amaze gushikiriza icifuzo ciwe co kubona umugwi wo muri Afrika utsindiye igikombe c'isi.
Muri iyo nama ya bose, abayigize 52 - uretse Chad, ishirahamwe ryayo ryafuswe na reta ku wa kane, na Eritrea arivyo bihugu bibiri bititavye - batoye kwongereza ibibanza vy'ivyegera vy'umukuru wa Caf kuva kuri batatu bakaba batanu.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Ahavuye isanamu, Getty Images










